caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Balad البلد

20 verses · Mecca · revelation order 35

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ لَآ أُقْسِمُ بِهَٰذَا ٱلْبَلَدِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!

See all translations of this verse →

وَأَنتَ حِلٌّۢ بِهَٰذَا ٱلْبَلَدِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[1].

See all translations of this verse →

وَوَالِدٍ وَمَا وَلَدَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNdarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!

See all translations of this verse →

لَقَدْ خَلَقْنَا ٱلْإِنسَٰنَ فِى كَبَدٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKo mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa.

See all translations of this verse →

أَيَحْسَبُ أَن لَّن يَقْدِرَ عَلَيْهِ أَحَدٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!

See all translations of this verse →

يَقُولُ أَهْلَكْتُ مَالًا لُّبَدًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAvuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”.

See all translations of this verse →

أَيَحْسَبُ أَن لَّمْ يَرَهُۥٓ أَحَدٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi!

See all translations of this verse →

أَلَمْ نَجْعَل لَّهُۥ عَيْنَيْنِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha!

See all translations of this verse →

وَلِسَانًا وَشَفَتَيْنِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo!

See all translations of this verse →

وَهَدَيْنَٰهُ ٱلنَّجْدَيْنِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiDutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo!

See all translations of this verse →

فَلَا ٱقْتَحَمَ ٱلْعَقَبَةَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa!

See all translations of this verse →

وَمَآ أَدْرَىٰكَ مَا ٱلْعَقَبَةُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza!

See all translations of this verse →

فَكُّ رَقَبَةٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge;

See all translations of this verse →

أَوْ إِطْعَٰمٌ فِى يَوْمٍ ذِى مَسْغَبَةٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara;

See all translations of this verse →

يَتِيمًا ذَا مَقْرَبَةٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImpfuvyi ya hafi mu muryango[2];

See all translations of this verse →

أَوْ مِسْكِينًا ذَا مَتْرَبَةٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero).

See all translations of this verse →

ثُمَّ كَانَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَتَوَاصَوْا۟ بِٱلصَّبْرِ وَتَوَاصَوْا۟ بِٱلْمَرْحَمَةِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiInyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa.

See all translations of this verse →

أُو۟لَٰٓئِكَ أَصْحَٰبُ ٱلْمَيْمَنَةِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru.

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ بِـَٔايَٰتِنَا هُمْ أَصْحَٰبُ ٱلْمَشْـَٔمَةِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu;

See all translations of this verse →

عَلَيْهِمْ نَارٌ مُّؤْصَدَةٌۢ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70