caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Maaida, Verse 32

Medina · revelation order 112 · 5:32

مِنْ أَجْلِ ذَٰلِكَ كَتَبْنَا عَلَىٰ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ أَنَّهُۥ مَن قَتَلَ نَفْسًۢا بِغَيْرِ نَفْسٍ أَوْ فَسَادٍ فِى ٱلْأَرْضِ فَكَأَنَّمَا قَتَلَ ٱلنَّاسَ جَمِيعًا وَمَنْ أَحْيَاهَا فَكَأَنَّمَآ أَحْيَا ٱلنَّاسَ جَمِيعًا وَلَقَدْ جَآءَتْهُمْ رُسُلُنَا بِٱلْبَيِّنَٰتِ ثُمَّ إِنَّ كَثِيرًا مِّنْهُم بَعْدَ ذَٰلِكَ فِى ٱلْأَرْضِ لَمُسْرِفُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu kubera ico caha co kwica rero, Twategetse Bene Israyeli, ko uwishe umuntu ku karenganyo atari ku mvo yo kwihora canke guhana igenzwa n’ubwononyi kw’isi[13], ahabwa igihano gikaze nk’aho yoba yishe abantu bose; n’uko uwubungabunze ubuzima bw’umuntu, Imana Allah Yaziririje ko yicirwa ubusa, ahabwa indishi ihambaye nk’aho yoba yabungabunze ubuzima bw’abantu bose[14]. Ni ukuri, Bene Israyeli baramaze gushikirwa n’Intumwa zacu, zibangikanije n’ivyemezo vyerekana ukuri kw’ukwemera Imana Allah no kwubahiriza amabwirizwa yayo. Inyuma yo gushikirwa n’izo Ntumwa rero, abenshi muri bo barimonogoza kw’isi mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70