وَإِذْ قَالَ ٱللَّهُ يَٰعِيسَى ٱبْنَ مَرْيَمَ ءَأَنتَ قُلْتَ لِلنَّاسِ ٱتَّخِذُونِى وَأُمِّىَ إِلَٰهَيْنِ مِن دُونِ ٱللَّهِ قَالَ سُبْحَٰنَكَ مَا يَكُونُ لِىٓ أَنْ أَقُولَ مَا لَيْسَ لِى بِحَقٍّ إِن كُنتُ قُلْتُهُۥ فَقَدْ عَلِمْتَهُۥ تَعْلَمُ مَا فِى نَفْسِى وَلَآ أَعْلَمُ مَا فِى نَفْسِكَ إِنَّكَ أَنتَ عَلَّٰمُ ٱلْغُيُوبِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke kandi umusi w’izuka, igihe Imana Allah Yavuze Iti: “Ewe Isa mwene Mariyamu! Mbega ni wewe wabwiye abantu uti: “Nimungire jewe hamwe n’umuvyeyi wanje Mariyamu imana musenga mu gishingo c’Imana Allah!””. Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) azokwishura ati: “Ininahazwa ni iry’iwawe Mana! Sindekuriwe namba kubwira abantu ikitari ukuri. Ninaba naho narabivuze, ni ukuri warabimenye kuko ntakikwinyegeza, Urazi ibiri muri jewe mu gihe jewe ntazi ibiri muri Wewe. Mu vy’ukuri Wewe, ni We Uzi neza ibinyegejwe ibiremwa;