جَعَلَ ٱللَّهُ ٱلْكَعْبَةَ ٱلْبَيْتَ ٱلْحَرَامَ قِيَٰمًا لِّلنَّاسِ وَٱلشَّهْرَ ٱلْحَرَامَ وَٱلْهَدْىَ وَٱلْقَلَٰٓئِدَ ذَٰلِكَ لِتَعْلَمُوٓا۟ أَنَّ ٱللَّهَ يَعْلَمُ مَا فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِى ٱلْأَرْضِ وَأَنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَىْءٍ عَلِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAl-ka’ba, Imana Allah Yayigize ingoro ntagatifu kugira abantu bubahirize ukwemera kwabo mw’iteka n’itekane, Inaziririza gusotorana no kurwana mu mezi matagatifu[32], kwiha na kimwe ku mbagwa hamwe no kwihagira imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka. Izo ngingo zafashwe kugira mumenye neza mu vy’ukuri, ko Imana Allah Izi bikwiye ibiri mu majuru no mw’isi vyose[33], n’uko mu vy’ukuri Imana Allah ari Nyenubumenyikurivyose.