caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Maaida, Verse 110

Medina · revelation order 112 · 5:110

إِذْ قَالَ ٱللَّهُ يَٰعِيسَى ٱبْنَ مَرْيَمَ ٱذْكُرْ نِعْمَتِى عَلَيْكَ وَعَلَىٰ وَٰلِدَتِكَ إِذْ أَيَّدتُّكَ بِرُوحِ ٱلْقُدُسِ تُكَلِّمُ ٱلنَّاسَ فِى ٱلْمَهْدِ وَكَهْلًا وَإِذْ عَلَّمْتُكَ ٱلْكِتَٰبَ وَٱلْحِكْمَةَ وَٱلتَّوْرَىٰةَ وَٱلْإِنجِيلَ وَإِذْ تَخْلُقُ مِنَ ٱلطِّينِ كَهَيْـَٔةِ ٱلطَّيْرِ بِإِذْنِى فَتَنفُخُ فِيهَا فَتَكُونُ طَيْرًۢا بِإِذْنِى وَتُبْرِئُ ٱلْأَكْمَهَ وَٱلْأَبْرَصَ بِإِذْنِى وَإِذْ تُخْرِجُ ٱلْمَوْتَىٰ بِإِذْنِى وَإِذْ كَفَفْتُ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ عَنكَ إِذْ جِئْتَهُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ فَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ مِنْهُمْ إِنْ هَٰذَآ إِلَّا سِحْرٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwibuke n’umusi Imana Allah Izovuga Iti: “Ewe Isa mwene Mariyamu! Ibuka inema zanje naguhaye wewe[37] hamwe n’umuvyeyi wawe[38]. Wibuke na canecane igihe Nagushigikiza Mutimamutagatifu Jibrili, ukavugisha abantu ukiri uruyoya, ukongera ukararikira Bene Israyeli ukwemera Imana Allah umaze gukura. Wibuke n’igihe Nakwigisha kwandika no gutumbereza ukuri mu mvugo no mu ngiro, Nongera Ndakwigisha Tawurati yamanuriwe Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) n’Injili wamanuriwe. Wibuke kandi n’igihe wabumba mw’ivu igishusho c’inyoni ku burenganzira bwanje, maze ukagihuhamwo kigaca kiba inyoni iguruka ku burenganzira bwanje; ukanakiza uwavukanye ubuhumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe ku burenganzira bwanje agakira. Wibuke n’igihe wasabira abapfuye kuzuka, bagaheza bakazuka badora ku burenganzira bwanje. Ivyo vyose rero, ukaba wabigira ku bushobozi n’uburenganzira bwanje Jewe Allah, bikaba ari na vyo bitangaro vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwawe. Wibuke kandi igihe Nagukingira Bene Israyeli bashaka kukwica igihe wabazanira ibitangaro bigaragara vyemeza ubutumwa bwawe, abagarariji muri bo bagaca bavuga bati: “Ibitangaro yaje abazaniye, nta kindi biturukako kiretse ko ari uburozi bweruye””,
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70