يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓا۟ إِنَّمَا ٱلْخَمْرُ وَٱلْمَيْسِرُ وَٱلْأَنصَابُ وَٱلْأَزْلَٰمُ رِجْسٌ مِّنْ عَمَلِ ٱلشَّيْطَٰنِ فَٱجْتَنِبُوهُ لَعَلَّكُمْ تُفْلِحُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni ukuri, inzoga [27], urusimbi [28], ibigirwamana [29] no gusokora imyampi mu ndaha[30] mu ntumbero yo kumenya ico mwokora canke ico mworeka muri kazoza, ivyo vyose ni ibicumuro bituruka ku nyoshambi za shetani, nimuvyirinde rero kugira muronke intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.