قَالَ رَجُلَانِ مِنَ ٱلَّذِينَ يَخَافُونَ أَنْعَمَ ٱللَّهُ عَلَيْهِمَا ٱدْخُلُوا۟ عَلَيْهِمُ ٱلْبَابَ فَإِذَا دَخَلْتُمُوهُ فَإِنَّكُمْ غَٰلِبُونَ وَعَلَى ٱللَّهِ فَتَوَكَّلُوٓا۟ إِن كُنتُم مُّؤْمِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho haboneka abagabo babiri mu bantu batinya Imana Allah, bahawe no kuyumvira Yo hamwe n’Intumwa yayo, baraheza bavuga bati: “Ivyo bihangange nimuvyinjirireko mu gisagara, nimwamara kwinjira, mu vy’ukuri muzobitsinda, kandi rero nimwishimikize Imana Allah muyizere nimwaba mwemera koko Intumwa yayo, mwubahiriza n’amabwirizwa yayo”.