Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbakorera inteba ishushe intore ata co zinona mu bagore n’abagabo mu kuzagiriza icaha c’ubusambanyi, hanyuma ntibazane ivyabona bine vy’intungane bizagiriza nya caha, murabaha igihano co gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hamwe no kutemererwa kuba ivyabona kandi mu buzima bwabo bwose. Abo rero, ni na vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko rero, abazokwigaya mu nyuma, bakicuza kuri nya caha co kwagiriza ubusambanyi intore ata co zinona, bagaheza bakitunganya mu gukora ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Izobumvira, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri iyi ndahiro igira gatanu, umukenyezi wiwe aca yagirwa na nya caha c’ubusambanyi, agaheza agahabwa igihano co guterwa amabuye gushika apfe. Nta gikura ico gihano kuri nya mukenyezi, kiretse ukurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko umugabo wanje ambeshera ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo hataba impano z’Imana Allah n’impuhwe zayo kuri mwebwe abemeramana, mu gushinga ingingo yo kwahukana kw’abubakanye bagirizanya ubusambanyi mu gihe barahiye, umubeshi muri bo yari guhanishwa igihano yisabiye mu kurahira, ivyo rero biri ukwo kuko Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbazanye iryo rementanya, ntibari gupfuma bazana ivyabona bine vy’intungane biryemeza! Ku kubera ko rero batashoboye kuzana nya vyabona, abo ku Mana Allah ni bo babeshi ruhebwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe mwahanahana inkuru y’iryo rementanya kandi ari ikinyoma ceruye, mugaheza mukarikwiragiza mu kuvuga ivyo mutazi, mwibaza ko ari ikintu coroshe cofatwa minenegwe kandi ku Mana Allah ari icaha rutura[4]!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo hataba impano z’Imana Allah hamwe n’impuhwe zayo ku bakwiragije inkuru y’irementanya muri mwebwe abemeramana, Imana Allah ntiyari kubatomorera izi ngingo n’inyigisho ngo mwikebuke, Yari kwihutira nyabuna kubahana. Ivyo rero biri ukwo, kuko Imana Allah ari Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatewe iteka mw’idini no mu kuronswa ikibabeshaho, ntibakarahire ko baretse gufasha mu gutera inkunga abavandimwe babo bakenye, abakene batagira shinge na rugero n’abimutse mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, maze bakareka kubafasha ku mvo y’icaha bakoze, barabagirira ikigongwe ku caha babakoreye, baheze bacirengagize. None mweho ntimukunda ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha mwakoze Ikabababarira! Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo[6].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abakorera inteba ishushe abakenyezi bubatse izabo ata n’ico binona, abemeramanakazi batigera biyumvira na rimwe ko bosambana, mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, baravumwe n’Imana Allah kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, barategekanirijwe n’ibihano rutura mu muriro wa Jahannamu ku musi w’izuka[7];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri uwo musi rero, Imana Allah Izobahemba ku vyo bakoze impembo ikwiye vy’ukuri. Aho rero, bazoheza bamenye kandi ko Imana Allah ari Yo Nyakuri[8], Nyenugutomora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko rero, nta kabi kuri mwebwe ko mwinjira mu mazu atagenewe kubamwo abantu mutabanje kudodora, mu gihe hoba hari ico mukeneyeyo; nk’amazu yagenewe kuba uburaro bw’ingenzi, n’ayandi mazu rusangi. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mugaragaza n’ivyo muhisha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Bwira abemeramana bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira vyotuma bagwa mu caha c’ubusambanyi, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira[9]; ivyo ni vyo bibeza gusumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi ibintu vyose bakoze;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Murashingira abatagira abagabo muri mwebwe no mu beranda mu ncoreke no mu bashumba banyu. Abipfuza kwabira muri bo nibaba bakenye, Imana Allah Izobakenura Ibahe mu mpano zayo. Burya Imana Allah, ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbadashoboye kurongora ku mvo z’ubukene canke ku zindi mvo, barigumya mu kudatandukira ibizira gushika igihe Imana Allah Yabakenuriye, Ikabaha mu mpano zayo. Abashumba banyu bashaka ko mwandikiranira bakazobariha amahera kugira bikure mu buja, muraheza mwandikirane na bo nimwamenya ko bafise ishaka n’intumbero nziza[12], maze mubaterere mu kubaha no mu matungo mwaronkejwe n’Imana Allah, canke mubahebere nya mahera mwandikiraniye. Ntimuzohatire incoreke zanyu ku gushurashura murondera kuzironkerako amaronko y’ivy’isi. Mbega muzishurashuza gute kandi zishaka kwigumya mu kudakora ibizira! Uwuzozihatira gushurashura azoba acumuye. Mu vy’ukuri, inyuma yo guhatirwa gushurashura, nya ncoreke izobabarirwa. Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Muco w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, vyose birongorwa n’umuco w’ubumenyi n’uburongozi vyayo. Akarorero k’umuco w’uburongozi bw’Imana Allah mu kurongora abemeramana, ni nk’umwenge uri mu ruhome wegeranya umuco ngo ntushwiragire; muri nya mwenge hakaba harimwo itara, nya tara rikaba riri mu kiyo, nya kiyo kikaba kimeze nk’inyenyeri yakaka, nya tara na ryo rikatswa n’amavuta y’igiti gihezagiwe c’Umuzayituni, kiri ahantu gishikirwa ku mpande zose n’umuco w’izuba umwanya wose; si mu gihe gusa c’iseruka ry’izuba, eka si no mu gihe gusa c’irenga ryaryo. Nya mavuta rero ya nya giti gihezagiwe ahakwa kwaka akabonesha n’aho yoba ataracanwa n’umuriro; agize ngo aracanwe hoho yaka vy’akaroruhore ukabona hose harakaka, ari umuco ku wundi[13]. Ni nk’ukwo nyene rero umuco w’uburongozi ubonesha mu mutima w’umwemeramana. Burya rero Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Ikamushoboza kuzigama no gukurikira Qor’ani, kandi Imana Allah Icira agace abantu b’abanyabwenge kugira batahure ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo muco w’uburongozi rero uri mu misigiti, Imana Allah Yategetse ko yubakwa ikubahwa hakanayagirwamwo izina ryayo mw’ininahaza n’itaziramana no mu gusoma Qor’ani, n’ibindi, maze nya misigiti igasengerwamwo gusa Imana Imwe Rudende Allah mu gitondo no ku mugoroba;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira ku musi w'izuka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yaremye zina-kintu cose kigendagenda kw’isi mu biremwa Igikomoye ku mazi. Muri ivyo biremwa rero, harimwo ibigenda vyikwega ku nda, hakabamwo n’ibigendera ku maguru abiri, harimwo n’ibigendera ku maguru ane. Burya Imana Allah, Irema ukwo Ishatse. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’iyo indyarya zirarikiwe mu gihe co gukemura amatati yazo, kugaruka zikisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, haca hiyadukiza umugwi muri zo wirengagiza ukanka nya ngingo y’Intumwa, kandi ari yo ngingo y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo naho nya mugwi ushimye nya ngingo, uraheza ukaza ku Ntumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) wicishije bugufi mu kuyubahiriza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abemeramana koko, bararikiwe mu gihe co gukemura amatati yabo kwisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, baraheza bakagamburuka, maze bakavuga bati: “Twumvise ingingo twahawe kandi twumviye n’uwayidushikirije”. Abo, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Indyarya zararahiye zirarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko uramutse uzitegetse kuja ku rugamba, ko zitegerezwa kurujako. Zibwire uti: “Ntimukarahire ku ruhendo kuko iyumviramana ryanyu ni iry’akarimi gasosa gusa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora vyose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtiwibaze rero ko abagararije bananiye Imana Allah ko Yobahanira kw’isi, ahubwo nyabuna Irashoboye kubahanira kw’isi, mbere n’ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’abakecuru batagishoboye kuva mu nzu, batagikeneye no gushingirwa, si bibi kuri bo kutambara umwitwikiro mu gihe atari mu ntumbero yo kugaragaza ibisharizo bambaye; ariko mu gihe bokwambara nya mwitwikiro bakikwiza, vyoba ari vyiza kurusha kuri bo. Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiSi bibi ku mpumyi, ku bimuga no ku barwayi kureka gukora ivyo badashoboye mu mabwirizwa, biturutse ku bumuga canke ku ndwara; eka si na bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe mu miryango yanyu, canke mu miryango ya ba so na ba sobukwe, mu miryango ya ba nyoko canke iya benewanyu, mu miryango ya bashikanyu canke iya ba sowanyu, mu miryango ya ba nyogosenge canke iya ba nyokorome, mu miryango ya nyokwanyu, mu miryango mushinzwe gucungera ku burenganzira bwa bene yo mu gihe batahari no mu muryango w’umugenzi wanyu; muri ico gihe rero, si bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe abagabo n’abagore canke gufungura umwe wese ukwiwe. Nimwinjira rero mu nzu zibamwo abantu (mu mihana), muraheza mwihe indamutso nziza ihezagiye ivuye ku Mana Allah muti: “Nimugire amahoro, impuhwe z’Imana Allah n’imihezagiro yayo[18]”. Nihatagira abantu baba muri nya nzu, zikaba zagenewe ibindi bikorwa, muraheza mwihe indamutso muti: “Nitugire amahoro, twebwe hamwe n’aberanda b’Imana Allah[19]”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo gufungura - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo kugira mubitegere, muheze muvyubahirize.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeramana vy’ukuri, ni abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo; no mu gihe bari kumwe n’Intumwa mu gikorwa kibahuza, ntibiyonjorora mu bandi batabanje kuyisaba uburenganzira bwo kugenda. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri abagusaba uburenganzira ku mvo zumvikana, abo ni bo bemeye koko Imana Allah n’Intumwa yayo; nibagusaba uburenganzira bwo kuja gutunganya utwabo, uraha nya burenganzira uwo ushatse muri bo, uheze unabasabire ikigongwe ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ibiri mu majuru n’isi, nta nkeka rero ko ubumenyi bwayo buhetuye ivyo mukora vyose, n’umusi ibiremwa vyose vyasubijwe kuri Yo Izobibwira ido n’ido ku vyo vyakoze kw’isi, Iheze Inabibihembere. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.