وَلَقَدْ أَنزَلْنَآ إِلَيْكُمْ ءَايَٰتٍ مُّبَيِّنَٰتٍ وَمَثَلًا مِّنَ ٱلَّذِينَ خَلَوْا۟ مِن قَبْلِكُمْ وَمَوْعِظَةً لِّلْمُتَّقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ni ukuri, Twarabamanuriye Aayah za Qor’ani zitomoye zigaragaza ukuri, Tubacira n’agace ku vyashikiye abantu b’aho hambere yanyu, kugira bibere inkebuzo n’inyigisho abagamburukiramana.