caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Noor, Verse 39

Medina · revelation order 102 · 24:39

وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓا۟ أَعْمَٰلُهُمْ كَسَرَابٍۭ بِقِيعَةٍ يَحْسَبُهُ ٱلظَّمْـَٔانُ مَآءً حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَهُۥ لَمْ يَجِدْهُ شَيْـًٔا وَوَجَدَ ٱللَّهَ عِندَهُۥ فَوَفَّىٰهُ حِسَابَهُۥ وَٱللَّهُ سَرِيعُ ٱلْحِسَابِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagararije Imana yabo Rurema Allah bagahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, ibikorwa vyabo bibwira ko bizobungura mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizobabera impfagusa; nk’icirungu[14] aho uwishwe n’inyota abona mu bugaragwa akiyumvira yihenda ko abonye amazi, ariko yamara kuhashika agasanga nta n’ima ry’amazi ryahigeze. Ni nk’ukwo nyene rero umugarariji azosanga ivyo yakoze ku musi w’izuka vyamubereye impfagusa, ata n’ico vyomwungura, aheze ahasange Imana Allah Iheze Imuhembere ivyo yakoze ata karenganyo. Burya Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira ibiremwa;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70