Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Na Yo, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Imana Allah Itandika ko bimurwa, Yari kubahana bakiri ng’aha kw’isi bakicwa bakanagirwa n'imbohe. Nayo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, barategekanirijwe ibihano vy’umuriro;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo rero, vyabashikiye kuko barwanije Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoza mu guca kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah n'Intumwa yayo, namenye ko mu vy’ukuri, Imana Allah Izomuhana Ikamuhasha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’ivyo Imana Allah Yabanyaze Ikabiha Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta vyo mwaruhiye mu kubirwanira kw’ifarasi canke ku ngamiya; ariko rero Imana Allah, Ituma Intumwa zayo gutera ubwoba no gutsinda ata ndwano ku wo Ishatse. Burya Imana Allah, ni Yo Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo Imana Allah Yanyagiye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bivuye ku baba mu ducimbiri ata ndwano irinze kuba, bitangwa mu bikorwa vy'iterambere rusangi, bigahabwako n’incuti za hafi mu muryango w'Intumwa[2], impfuvyi, abakene n’ingenzi yakehaniwe ku rugendo, kugira ngo ivyanyazwe ntibigume mu minwe y’abakire gusa muri mwebwe. Ni uko rero, ico Intumwa y'Imana ibashikirije canke ibigishije, muracakira uko ikibashikirije; ico ibabujije kwakira canke gukora na co, murakireka, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’uko nyene bahabwa muri nya minyago, abakene b'abimukira baje bava i Makka “Muhaajiriina”, bakuwe mu ngo zabo no mu matungo yabo ku karenganyo, kubera gusa ko barondera impano no gushimwa n’Imana Allah, hamwe rero no kurwanira idini ryayo n’Intumwa yayo. Abo, ni bo rero mvugakuri zibushitse.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’abasangwa b’i Madina “Answaari” bahisemwo kwemera imbere yuko abimukira bashika bava i Makka, barakunda abimukira baje babagana, bakanasabikanya na bo ivyo bafise, ntibanabagirira ishari n’akangonongono mu mitima yabo ku vyo bahawe mu minyago, baranabibahebera mu kubigura n’aho na bo nyene boba bakenye. Uwuzokingirwa kuba ingumyi rero, ari mu bantu baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, ntiwabonye abagize uburyarya, babwira benewabo bagararije mu bahawe Igitabu[4], bati: “Ni ukuri, nimwimurwa mu zanyu mukirukanwa i Madina, tuzokwimukana na mwe koko, kandi nta n’umwe tuzokwumvira ngo duheze tubatetereze mu kutimukana na mwe. Nimwaterwa naho nyene, tuzobarwanako tubatabare. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ko mu vy’ukuri indyarya zibabesha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ni ukuri mwebwe, muratinyitse cane mu mitima y’indyarya n’abayahudi gusumba uko batinya Imana Allah, bitewe n’uko bo ari abantu badatahura icubahiro c’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkarorero k’abayahudi ku vyabashikiye, ni nk’ab’aho hambere yabo mu bagarariji b’i Makka ku vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, no mu bayahudi bo mu muryango wa Bene Qaynuqaa’a, barahonjeje amaherezo y’ubugarariji bwabo, barahanwa bakiri kw'isi. Barategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiGutyo rero, amaherezo y’abo bompi; shetani n’uwayumviye akagarariza Imana Allah, ni mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera. Ico gihano, ni yo ndishi y’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Enda rero nyabuna nimwiyubare ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze umwe wese muri mwebwe, arabe ico yakoze kizomufasha mu buzima bw'inyuma yo gupfa. Nimutinye rero Imana Allah mu vyo mukora vyose. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi, ntimukabe nk’abibagiye Imana Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, maze Imana Allah na Yo, Ibibagiza gukora ibizobafasha bikabakingira ibihano vyo ku musi w’izuka. Abo rero, ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu bari mu bihano vyo mu muriro udahera, si nk’abari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru. Abari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru, ni bo benintsinzi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, ni Yo Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Mwami, Nyenubutagatifu, Semahoro, Nyenugutekanisha[5], Uwiganje[6], Nyenintsinzi-Mutaneshwa[7], Ntahangarwa, Nyenukwishima. Ukuninahazwa, ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bayibangikanya;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Mana Allah, Rurema, Nyenugutunganya ibiremwa nk’uko Yabitegekanije, Rutunganyandemo, Yahaye ishusho ibiremwa vyose. Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga. Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, birayininahaza; ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.