caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Hashr, Verse 7

Medina · revelation order 101 · 59:7

مَّآ أَفَآءَ ٱللَّهُ عَلَىٰ رَسُولِهِۦ مِنْ أَهْلِ ٱلْقُرَىٰ فَلِلَّهِ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِى ٱلْقُرْبَىٰ وَٱلْيَتَٰمَىٰ وَٱلْمَسَٰكِينِ وَٱبْنِ ٱلسَّبِيلِ كَىْ لَا يَكُونَ دُولَةًۢ بَيْنَ ٱلْأَغْنِيَآءِ مِنكُمْ وَمَآ ءَاتَىٰكُمُ ٱلرَّسُولُ فَخُذُوهُ وَمَا نَهَىٰكُمْ عَنْهُ فَٱنتَهُوا۟ وَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ إِنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلْعِقَابِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo Imana Allah Yanyagiye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bivuye ku baba mu ducimbiri ata ndwano irinze kuba, bitangwa mu bikorwa vy'iterambere rusangi, bigahabwako n’incuti za hafi mu muryango w'Intumwa[2], impfuvyi, abakene n’ingenzi yakehaniwe ku rugendo, kugira ngo ivyanyazwe ntibigume mu minwe y’abakire gusa muri mwebwe. Ni uko rero, ico Intumwa y'Imana ibashikirije canke ibigishije, muracakira uko ikibashikirije; ico ibabujije kwakira canke gukora na co, murakireka, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70