هُوَ ٱللَّهُ ٱلَّذِى لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلْمَلِكُ ٱلْقُدُّوسُ ٱلسَّلَٰمُ ٱلْمُؤْمِنُ ٱلْمُهَيْمِنُ ٱلْعَزِيزُ ٱلْجَبَّارُ ٱلْمُتَكَبِّرُ سُبْحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يُشْرِكُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Mwami, Nyenubutagatifu, Semahoro, Nyenugutekanisha[5], Uwiganje[6], Nyenintsinzi-Mutaneshwa[7], Ntahangarwa, Nyenukwishima. Ukuninahazwa, ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bayibangikanya;