Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri Imana Allah, Yaramaze kwumva ijambo ry’umupfasoni Khaula umukobwa wa Tha’laba, akubazagiza ku ngingo yo kuziririzwa n’umugabo wiwe Awsi mwene Swaamit, amurega ku Mana Allah. Imana Allah na Yo, Irumva ivyo muganira. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Nyenukubona.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbaziririza muri mwebwe abakenyezi babo mu kuvuga bati: “Wewe kuri jewe, uri ikizira nka mawe yamvyaye”, abakenyezi babo si ba nyina na gato, ba nyina babo ni ababibarutse. Mu vy’ukuri, bavuga ijambo ribi, ni ikinyoma ceruye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa, bazoteterezwa nk’uko ab’aho hambere yabo bateterejwe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye Aayah zitomoye zerekana ko amabwirizwa y’Imana Allah ari kwo kuri. Nayo abagarariza mu kuzihakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bisuzuguza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka umusi Imana Allah Yazuye abantu bose Ikabakoraniriza hamwe, hanyuma Ikabamenyesha ivyo bakoze kw’isi. Imana Allah, Yarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” hamwe rero no mu bitabu vyabo, mu gihe bo bamaze kuvyibagira. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ku kintu ico ari co cose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, ntiwamenye yuko Imana Allah Izi neza ibiri mw’ijuru n'ibiri mw’isi! Nta bongorerana ari batatu, kiretse ko Imana Allah Iba ari iya kane. Nta na batanu bongorerana, kiretse ko Iba ari iya gatandatu. Eka nta n’abongorerana bari musi y’ico gitigiri canke kirenga, kiretse ko Iba Iri kumwe na bo aho bari hose. Hanyuma, Izobamenyesha ivyo bakoze vyose ku musi w’izuka, kugira ngo bemange, maze Ibahe indishi bakwiranye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Iyo mwongoreranye, ntimukongorerane mu bibata mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Murongorerana mu vyotuma mwubaha mukubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; kuri Yo, ni ho muzokwegeranirizwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri kwongorerana, ni inyoshambi za shetani, kugira ngo abemeramana bicwe n’intuntu. Ariko nta co zizobagira, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwasabwa kwagurira abandi mu vyicaro, muraca mubagurira; na mwe Imana Allah, Izobagurira kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nimwasabwa naho guhaguruka mubisa abaje, murahaguruka; Imana Allah Izoduza icubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abemeramana muri mwebwe n’abahawe ubumenyi. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega none, mwagize impungenge zo gutinya ko mwokena, mu gihe mwotanga imperezwa imbere yuko muganira n'Intumwa y'Imana! Mu gihe mutobikora kuko bibagoye, Imana Allah na Yo Igaheza Ikabababarira, maze Ikaborohereza mu guhagarika iryo bwirizwa, muraheza mutsimbataze amasengesho-bwirizwa ku mwanya, munatange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Zibutse umusi Imana Allah Yazuye indyarya zose, maze zikarahira zikarengwa (zibesha) ko zemera Imana Allah; nk’uko zahora zirahira zibesha kw’isi, zibaza ko indahiro hari ico izimarira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri burya indyarya, ni zo zibesha nya kubesha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiShetani yarazigaruriye izibagiza ukwibuka n'ukwumvira Imana Allah. Indyarya, ni wo mugwi w’ingabo n’abumvira shetani. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri umugwi w’ingabo n’abumvira shetani, ni wo uri mu ruhombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah) mu kurenga ku mabwirizwa, abo bari mu basuzuguritse cane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Nta ho vyakabaye ko wosanga abantu bemera Imana Allah n’umusi w’imperuka bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bacuditse n’abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, n’aho boba ari abavyeyi babo, canke ibibondo vyabo, canke benewabo, canke incuti zabo za hafi mu muryango. Abo, ni bo rero Imana Allah Yamaze gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, Ibatera ingoga, Ibaha n’umuco wayo, kandi Izobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Imana Allah Yarabishimiye kuko bayigamburukiye, na bo barayishimira ku mpera ikwiye Yabahaye. Abo, ni wo mugwi rero w’abatoni b'Imana Allah, bayumvira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy'ukuri, umugwi w’abatoni b'Imana Allah bayumvira, ni wo waronse intsinzi yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.