Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, Umwami, Nyenubutagatifu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yarungitse Intumwa ivuye mu Barabu batazi gusoma no kwandika, Iraheza Iyirungika ku bantu bose, ibasomera Qor’ani inabeza ingeso mbi n’ukwemera gushingiye ku bintazi, ibigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo y’intumwa (Sunnah), mu gihe bari mu muzimagiza w'ubuhuvyi ugaragara imbere y’irungikwa ry’iyo Ntumwa;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzokweza n’abandi muri bo bataraza (bazokurikira inyuma y’ingendanyi). Imana Allah, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkarorero k’abayahudi bategetswe kugendera ibiri mu Gitabu ca Tawurati hanyuma ntibabigendera nk’uko bategetswe; ni nka kurya kw’indogobwe yikoreye ibitabu itazi ibirimwo. Ni akarorero kabi cane k’abantu bahakanye bivuye inyuma Aayah z’Imana Allah, ntizagira ico zibamariye. Burya Imana Allah na Yo, ntirongora mu nzira yayo, abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtibazokwigera barwipfuza na rimwe kubera ugukunda ivy’isi no gutinya guhanirwa ibibi bakora. Imana Allah na Yo, Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iyo bamwe mu bislamu babonye urudandazwa, canke ibintu bisamaza ata co bimaze mu bihendamaso vy'isi, baca babihurumbira bakagusiga uhagaze wenyene. Babwire uti: “Burya indishi n’inema biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza kuri mwebwe gusumba urudandazwa n’ibisamaza. Burya Imana Allah, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa”.