Home › Surahs › Surah Al-Munaafiqoon
Surah Al-Munaafiqoon المنافقون
11 verses · Medina · revelation order 104
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ إِذَا جَآءَكَ ٱلْمُنَٰفِقُونَ قَالُوا۟ نَشْهَدُ إِنَّكَ لَرَسُولُ ٱللَّهِ وَٱللَّهُ يَعْلَمُ إِنَّكَ لَرَسُولُهُۥ وَٱللَّهُ يَشْهَدُ إِنَّ ٱلْمُنَٰفِقِينَ لَكَٰذِبُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zije zikugana mu cicaro, ziza zivuga n'akarimi gasosa ziti: “Ni ukuri, turemanga ko wewe uri Intumwa y’Imana”. Burya Imana Allah na Yo, Irazi neza mu vy’ukuri, ko wewe uri Intumwa yayo, kandi Imana Allah Iremanga ko mu vy’ukuri, indyarya zibesha kuko ziyorobeka.
See all translations of this verse →
ٱتَّخَذُوٓا۟ أَيْمَٰنَهُمْ جُنَّةً فَصَدُّوا۟ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ إِنَّهُمْ سَآءَ مَا كَانُوا۟ يَعْمَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Zagize indahiro zazo, kuba inkinzo izikingira kugirirwa umwikomo no guhanwa, maze zitangura kuburagiza abantu kwinjira mw'idini ry’Imana Allah no kuriharanira. Mu vy’ukuri ivyo zikora, ni bibi cane;
See all translations of this verse →
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ ءَامَنُوا۟ ثُمَّ كَفَرُوا۟ فَطُبِعَ عَلَىٰ قُلُوبِهِمْ فَهُمْ لَا يَفْقَهُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ivyo zibikora, kuko zemeye mu majambo gusa hanyuma zirahakana mu mitima yazo, gutyo haterwa ikimangu c’ubuhakanyi mu mishaha yazo. Kubera ivyo rero, ntizitegera ngo zikore ibizifitiye akamaro.
See all translations of this verse →
وَإِذَا رَأَيْتَهُمْ تُعْجِبُكَ أَجْسَامُهُمْ وَإِن يَقُولُوا۟ تَسْمَعْ لِقَوْلِهِمْ كَأَنَّهُمْ خُشُبٌ مُّسَنَّدَةٌ يَحْسَبُونَ كُلَّ صَيْحَةٍ عَلَيْهِمْ هُمُ ٱلْعَدُوُّ فَٱحْذَرْهُمْ قَٰتَلَهُمُ ٱللَّهُ أَنَّىٰ يُؤْفَكُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo uzibonye, imibiri yazo iraguhimbara. Iyo naho zigize ngo ziravuze, wumva amajambo yazo atomoye, kandi imishaha yazo itagira ukwemera namba, zitanatahura na kimwe; nk’aho zoba ari imbaho zitagira ubuzima zegetswe ku ruhome. Ziyumvira ko ikivuzwe cose, ari zo zitunzwe urutoke kubera ubwoba. Ntumwa y’Imana! Kanatsinda ni zo bansi bawe, uraziyubara rero. Zirakavumwa n’Imana Allah. Ni gute zigarariza ukuri zikaguma mu buryarya n’ubuhuvyi ha kwemera vy'ukuri!
See all translations of this verse →
وَإِذَا قِيلَ لَهُمْ تَعَالَوْا۟ يَسْتَغْفِرْ لَكُمْ رَسُولُ ٱللَّهِ لَوَّوْا۟ رُءُوسَهُمْ وَرَأَيْتَهُمْ يَصُدُّونَ وَهُم مُّسْتَكْبِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zibwiwe ziti: “Enda nyabuna rero, nimuze ku Ntumwa y’Imana musabe ikigongwe, maze na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah”, zica zirabira hirya zizungagiza umutwe n’ubwishime n’akantu, ukazibona zikwirengagiza zinasuzugura ko wozisabira;
See all translations of this verse →
سَوَآءٌ عَلَيْهِمْ أَسْتَغْفَرْتَ لَهُمْ أَمْ لَمْ تَسْتَغْفِرْ لَهُمْ لَن يَغْفِرَ ٱللَّهُ لَهُمْ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهْدِى ٱلْقَوْمَ ٱلْفَٰسِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni co kimwe rero kuri zo, uzisabira imbabazi canke utazizisabira, nta mbabazi Imana Allah Izozigirira bitewe no gutsimbatara kwazo mu buhakanyi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kwemera abantu b’ibigaba barenga ku mabwirizwa yayo.
See all translations of this verse →
هُمُ ٱلَّذِينَ يَقُولُونَ لَا تُنفِقُوا۟ عَلَىٰ مَنْ عِندَ رَسُولِ ٱللَّهِ حَتَّىٰ يَنفَضُّوا۟ وَلِلَّهِ خَزَآئِنُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَلَٰكِنَّ ٱلْمُنَٰفِقِينَ لَا يَفْقَهُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Izo ndyarya, ni zo zibwira ababa i Madina n'ishari n'akantu ziti: “Ntihagire ico muha abakene b’abimukira mu ngendanyi z’Intumwa y’Imana Muhamadi kugeza aho bicwa n’inzara bagata bakomoka”. Burya ibigega vy'ibibeshaho ibiremwa: ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah; Iha uwo Ishatse, Ikima uwo Ishatse, ariko indyarya ntizizi ko Imana Allah ari Yo Muhanyiwavyose.
See all translations of this verse →
يَقُولُونَ لَئِن رَّجَعْنَآ إِلَى ٱلْمَدِينَةِ لَيُخْرِجَنَّ ٱلْأَعَزُّ مِنْهَا ٱلْأَذَلَّ وَلِلَّهِ ٱلْعِزَّةُ وَلِرَسُولِهِۦ وَلِلْمُؤْمِنِينَ وَلَٰكِنَّ ٱلْمُنَٰفِقِينَ لَا يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Zivuga zigamba n'akantu ziti: “Nitwaramuka dusubiye i Madina (tuvuye ku rugamba), nta kibuza ko abubahitse bazokwomora abagayitse”. Nangwa icubahiro c’iteka, ni ic’Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, mugabo indyarya ntizitahura ivyo.
See all translations of this verse →
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ لَا تُلْهِكُمْ أَمْوَٰلُكُمْ وَلَآ أَوْلَٰدُكُمْ عَن ذِكْرِ ٱللَّهِ وَمَن يَفْعَلْ ذَٰلِكَ فَأُو۟لَٰٓئِكَ هُمُ ٱلْخَٰسِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugasamazwe n’amatungo yanyu canke abana banyu, ngo mureke kugamburukira Imana Allah muyininahaza muyitazira. Abazosamazwa n’ivyo rero, abo bazoba bari mu bahomvye ubuzima bwabo.
See all translations of this verse →
وَأَنفِقُوا۟ مِن مَّا رَزَقْنَٰكُم مِّن قَبْلِ أَن يَأْتِىَ أَحَدَكُمُ ٱلْمَوْتُ فَيَقُولَ رَبِّ لَوْلَآ أَخَّرْتَنِىٓ إِلَىٰٓ أَجَلٍ قَرِيبٍ فَأَصَّدَّقَ وَأَكُن مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bemeramana! Enda rero nyabuna nimutange mu vyo Imana Allah Yabahaye, imbere yuko umwe muri mwebwe ashikirwa n’urupfu, maze akavuga yicuza ari ku mpfiro ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ubwo ntiwondindiriza gato ngapfuma ntanga imperezwa, ngaheza nkaba mu beranda bakora ivyiza bitegetswe!”.
See all translations of this verse →
وَلَن يُؤَخِّرَ ٱللَّهُ نَفْسًا إِذَا جَآءَ أَجَلُهَا وَٱللَّهُ خَبِيرٌۢ بِمَا تَعْمَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah na Yo, ntizorindiriza ikiremwa ico ari co cose umusi waco wo gupfa ugeze. Burya Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, Izonabibahembera.
See all translations of this verse →
← Surah Al-Jumu'a
Surah At-Taghaabun →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.