Home › Surahs › Surah As-Saff
Surah As-Saff الصف
14 verses · Medina · revelation order 109
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ سَبَّحَ لِلَّهِ مَا فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِى ٱلْأَرْضِ وَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلْحَكِيمُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
See all translations of this verse →
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ لِمَ تَقُولُونَ مَا لَا تَفْعَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuki musezerana canke muvuga ivyo mudakora ngo muvyubahirize[1]?
See all translations of this verse →
كَبُرَ مَقْتًا عِندَ ٱللَّهِ أَن تَقُولُوا۟ مَا لَا تَفْعَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Birashavuza cane Imana Allah kuvuga ivyo mudakora.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلَّذِينَ يُقَٰتِلُونَ فِى سَبِيلِهِۦ صَفًّا كَأَنَّهُم بُنْيَٰنٌ مَّرْصُوصٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abaharanira idini ryayo bafatanye mu nda[2], bari ku murongo umwe bameze nka kurya kw’inyubakwa imwe ifatanye[3].
See all translations of this verse →
وَإِذْ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوْمِهِۦ يَٰقَوْمِ لِمَ تُؤْذُونَنِى وَقَد تَّعْلَمُونَ أَنِّى رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيْكُمْ فَلَمَّا زَاغُوٓا۟ أَزَاغَ ٱللَّهُ قُلُوبَهُمْ وَٱللَّهُ لَا يَهْدِى ٱلْقَوْمَ ٱلْفَٰسِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo iti: “Bantu banje narungitsweko! Ni kuki mumbabaza (mu kugarariza), kandi muzi neza ko jewe ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe!”. Igihe rero abantu ba Musa bamariye guhengama (bagata inzira y’ukuri), Imana Allah, Yaciye Ihengamika imitima yabo kurusha. Burya Imana Allah, ntirongora ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
See all translations of this verse →
وَإِذْ قَالَ عِيسَى ٱبْنُ مَرْيَمَ يَٰبَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ إِنِّى رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيْكُم مُّصَدِّقًا لِّمَا بَيْنَ يَدَىَّ مِنَ ٱلتَّوْرَىٰةِ وَمُبَشِّرًۢا بِرَسُولٍ يَأْتِى مِنۢ بَعْدِى ٱسْمُهُۥٓ أَحْمَدُ فَلَمَّا جَآءَهُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ قَالُوا۟ هَٰذَا سِحْرٌ مُّبِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga iti: “Emwe Bene Israyeli! Mu vy'ukuri Jewe, ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe, naje gushimangira ibiri mu Bitabu vy’aho hambere yanje, Tawurati na Zaburi, no gushikiriza inkuru nziza y’umuzo w’Intumwa y’Imana izoza inyuma yanje, yitwa Ahmadi (Muhamadi)”. Ariko rero, iyo Ntumwa Muhamadi imaze kuza ifise n’ivyemezo biboneka, bavuze bati: “Ubu, ni uburozi bugaragara”.
See all translations of this verse →
وَمَنْ أَظْلَمُ مِمَّنِ ٱفْتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ ٱلْكَذِبَ وَهُوَ يُدْعَىٰٓ إِلَى ٱلْإِسْلَٰمِ وَٱللَّهُ لَا يَهْدِى ٱلْقَوْمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah mu kuyibangikanya n’ibiremwa, kandi ararikirwa kwicisha bugufi akaba umwislamu! Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu kuyibangikanya.
See all translations of this verse →
يُرِيدُونَ لِيُطْفِـُٔوا۟ نُورَ ٱللَّهِ بِأَفْوَٰهِهِمْ وَٱللَّهُ مُتِمُّ نُورِهِۦ وَلَوْ كَرِهَ ٱلْكَٰفِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bashaka mu guhakana Intumwa, kuzimya n’iminwa yabo umuco w’Imana Allah wa Qor’ani. Burya Imana Allah, ni Yo Izokwiragiza hose umuco wayo n’aho vyoshavuza abagarariji.
See all translations of this verse →
هُوَ ٱلَّذِىٓ أَرْسَلَ رَسُولَهُۥ بِٱلْهُدَىٰ وَدِينِ ٱلْحَقِّ لِيُظْهِرَهُۥ عَلَى ٱلدِّينِ كُلِّهِۦ وَلَوْ كَرِهَ ٱلْمُشْرِكُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni Yo Yarungitse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije n'uburongozi bwa Qor’ani; Iyirungikana n’idini ry’ukuri, kugira riganze ayandi madini n’aho vyoshavuza ababangikanyamana.
See all translations of this verse →
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ هَلْ أَدُلُّكُمْ عَلَىٰ تِجَٰرَةٍ تُنجِيكُم مِّنْ عَذَابٍ أَلِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mbega ndabereke urudandazwa rwobakiza ibihano bibabaza?
See all translations of this verse →
تُؤْمِنُونَ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَتُجَٰهِدُونَ فِى سَبِيلِ ٱللَّهِ بِأَمْوَٰلِكُمْ وَأَنفُسِكُمْ ذَٰلِكُمْ خَيْرٌ لَّكُمْ إِن كُنتُمْ تَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nimubandanye mwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, muheze muharanire idini ry'Imana Allah, mu gutanga amatungo yanyu no mu kwitanga mwebwe nyene ubwanyu. Ivyo rero, ni vyo vyiza kurusha kuri mwebwe, nimwaba muzi rero gutandukanya ikibi n’iciza, nimuvyubahirize;
See all translations of this verse →
يَغْفِرْ لَكُمْ ذُنُوبَكُمْ وَيُدْخِلْكُمْ جَنَّٰتٍ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ وَمَسَٰكِنَ طَيِّبَةً فِى جَنَّٰتِ عَدْنٍ ذَٰلِكَ ٱلْفَوْزُ ٱلْعَظِيمُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah, Izobagumiriza akabanga ku vyaha vyanyu, Ivyirengagize ntibibahanire, Iheze Ibinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, harimwo n’imihana iteye igomwe mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.
See all translations of this verse →
وَأُخْرَىٰ تُحِبُّونَهَا نَصْرٌ مِّنَ ٱللَّهِ وَفَتْحٌ قَرِيبٌ وَبَشِّرِ ٱلْمُؤْمِنِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Yarabageneye n’iyindi mpera mukunda muri kw'isi, ni intsinzi ivuye ku Mana Allah no guhabuza vuba bwango igisagara ca Makka. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana, inkuru ihimbaye Yo gushika ku ntsinzi kw’isi, no kuja mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
See all translations of this verse →
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ كُونُوٓا۟ أَنصَارَ ٱللَّهِ كَمَا قَالَ عِيسَى ٱبْنُ مَرْيَمَ لِلْحَوَارِيِّـۧنَ مَنْ أَنصَارِىٓ إِلَى ٱللَّهِ قَالَ ٱلْحَوَارِيُّونَ نَحْنُ أَنصَارُ ٱللَّهِ فَـَٔامَنَت طَّآئِفَةٌ مِّنۢ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ وَكَفَرَت طَّآئِفَةٌ فَأَيَّدْنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ عَلَىٰ عَدُوِّهِمْ فَأَصْبَحُوا۟ ظَٰهِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye kuba abatabazi b’idini ry’Imana Allah; nka kurya abigishwa b'Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) babigenjeje, igihe yavuga ibabwira iti: “Ni bande muri mwebwe bontabara mu nzira y’Imana Allah?”, maze na bo bayishura bati: “Nyabuna rero, ni twebwe dutabara mu nzira y’Imana Allah”. Umugwi umwe rero muri Bene Israyeli uraheza uremera, uwundi mugwi na wo urahakana, maze Twebwe Allah Dushoka Dushigikira abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurwanya abansi babo, gutyo baraheza barabatsinda kw’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
See all translations of this verse →
← Surah Al-Mumtahana
Surah Al-Jumu'a →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.