caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Ash-Shura, Verse 15

Mecca · revelation order 62 · 42:15

فَلِذَٰلِكَ فَٱدْعُ وَٱسْتَقِمْ كَمَآ أُمِرْتَ وَلَا تَتَّبِعْ أَهْوَآءَهُمْ وَقُلْ ءَامَنتُ بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِن كِتَٰبٍ وَأُمِرْتُ لِأَعْدِلَ بَيْنَكُمُ ٱللَّهُ رَبُّنَا وَرَبُّكُمْ لَنَآ أَعْمَٰلُنَا وَلَكُمْ أَعْمَٰلُكُمْ لَا حُجَّةَ بَيْنَنَا وَبَيْنَكُمُ ٱللَّهُ يَجْمَعُ بَيْنَنَا وَإِلَيْهِ ٱلْمَصِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni kuri iryo dini ry’ubwislamu rero Imana Allah Yategetse Abavugishwamana, ukwiye kurarikira abantu ko barikurikira, uheze uritsimbatareko nk’uko wategetswe n’Imana Allah, kandi ntugakurikire namba ivyipfuzo vy’abafise amakenga mu kwemera, badatsimbataye kw’idini. Uraheza uvuge rero wemanga uti: “Naremeye Ibitabu vyose Imana Allah Yamanuriye Abavugishwamana; naranategetswe kubatunganiriza mu ngingo mfashe; Allah, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema; tuzohemberwa ibikorwa vyiza twakoze, na mwe nyene muzohemberwa ibikorwa bibi mwakoze; nta n’impari canke urwanko rukwiye kuba hagati yacu inyuma y’aho ukuri kugaragariye; Imana Allah, Izotwegeranya ku musi w’izuka, kugira Iducire urugororotse mu vyo duhazanako mw’idini; n’amaherezo yacu rero ni kuri Yo, kugira Ihembere umwumwe wese ibikwiranye n’ivyo yakoze”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70