Kirundi Translation - Yusuf GahitiEwe Muvugishwamana! Ni kuki uziririza gufungura ivyo Imana Allah Yakurekuriye, urondera gushimisha abakenyezi bawe? Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah, Yarabategetse kugira icuhagizo mu kuzirura ivyo mwarahiriye[1]. Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbuka n’igihe Umuvugishwamana[2] yongorera umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) ko atagisubira gufungura ubuki, uyo mukenyezi amaze kumenyesha iyo nkuru Aisha umukobwa wa Abu Bakri (Imana Allah Imwishimire), Imana Allah na Yo Ikamenyesha Umuvugishwamana ko nya nkuru yamenyekanye, wa Muvugishwamana yaciye ahishuka umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) bimwe mu vyo yaseruye, araheza yirengagiza ibindi. Amaze kubimwiganira rero ido n’ido, wa mukenyezi yaramubajije ati: “Ni nde yabikubwiye?!”. Na we amwishura ati: “Nabibwiwe n’Imana Allah Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bazohamagarwa igihe co kwinjizwa mu muriro udahera bati: “Emwe bahakanye! Ntimugire ico mwireguza kuri uno musi; mu vy’ukuri, murihwa ku vyo mwari mwarakoze kw’isi”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwigaye nya kwigaya ku Mana Allah, kumbure Imana yanyu Rurema Allah Yobahanagurira ibicumuro vyanyu, Ikazonabinjiza no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyaho hatemba inzuzi, ku musi Imana Allah Itazotetereza Umuvugishwamana n’abemeramana bari kumwe na we, umuco w’ukwemera kwabo uzobarongora imbere yabo n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro gitambitswe hejuru y’umuriro "Swiraatwu" bagana mu Bwami bw’ijuru, bazoba bariko baravuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukwirize umuco wacu, ukomeze gushika mu Bwami bw’ijuru, Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire. Mu vy’ukuri Wewe, uri Mushoboravyose”.