يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ قُوٓا۟ أَنفُسَكُمْ وَأَهْلِيكُمْ نَارًا وَقُودُهَا ٱلنَّاسُ وَٱلْحِجَارَةُ عَلَيْهَا مَلَٰٓئِكَةٌ غِلَاظٌ شِدَادٌ لَّا يَعْصُونَ ٱللَّهَ مَآ أَمَرَهُمْ وَيَفْعَلُونَ مَا يُؤْمَرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwikingire, mwebwe n’imiryango yanyu, umuriro udahera; ivyegenyezo vyawo, ni abantu n’amabuye. Uwo muriro, ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange badahesha, ntibigera baca kubiri n’itegeko bahawe n’Imana Allah, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe.