caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Tahrim, Verse 8

Medina · revelation order 107 · 66:8

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ تُوبُوٓا۟ إِلَى ٱللَّهِ تَوْبَةً نَّصُوحًا عَسَىٰ رَبُّكُمْ أَن يُكَفِّرَ عَنكُمْ سَيِّـَٔاتِكُمْ وَيُدْخِلَكُمْ جَنَّٰتٍ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ يَوْمَ لَا يُخْزِى ٱللَّهُ ٱلنَّبِىَّ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ مَعَهُۥ نُورُهُمْ يَسْعَىٰ بَيْنَ أَيْدِيهِمْ وَبِأَيْمَٰنِهِمْ يَقُولُونَ رَبَّنَآ أَتْمِمْ لَنَا نُورَنَا وَٱغْفِرْ لَنَآ إِنَّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ قَدِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwigaye nya kwigaya ku Mana Allah, kumbure Imana yanyu Rurema Allah Yobahanagurira ibicumuro vyanyu, Ikazonabinjiza no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyaho hatemba inzuzi, ku musi Imana Allah Itazotetereza Umuvugishwamana n’abemeramana bari kumwe na we, umuco w’ukwemera kwabo uzobarongora imbere yabo n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro gitambitswe hejuru y’umuriro "Swiraatwu" bagana mu Bwami bw’ijuru, bazoba bariko baravuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukwirize umuco wacu, ukomeze gushika mu Bwami bw’ijuru, Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire. Mu vy’ukuri Wewe, uri Mushoboravyose”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70