وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلًا لِّلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ ٱمْرَأَتَ فِرْعَوْنَ إِذْ قَالَتْ رَبِّ ٱبْنِ لِى عِندَكَ بَيْتًا فِى ٱلْجَنَّةِ وَنَجِّنِى مِن فِرْعَوْنَ وَعَمَلِهِۦ وَنَجِّنِى مِنَ ٱلْقَوْمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yarahaye kandi abemeramana, akarorero k’umukenyezi w’umwemeramanakazi, umupfasoni wa Firawuni, igihe yavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyubakira inzu iwawe mu Bwami bw’ijuru, maze Unkize, Unkure mu minwe ya Firawuni n’ibikorwa vyiwe bibi, Wongere Unkize abantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yawe”;