caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Taghaabun التغابن

18 verses · Medina · revelation order 108

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِى ٱلْأَرْضِ لَهُ ٱلْمُلْكُ وَلَهُ ٱلْحَمْدُ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ قَدِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, ubwami n’ishimagizwa ni ivyayo, ni na Yo Mushoboravyose.

See all translations of this verse →

هُوَ ٱلَّذِى خَلَقَكُمْ فَمِنكُمْ كَافِرٌ وَمِنكُم مُّؤْمِنٌ وَٱللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ بَصِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yonyene Yabaremye, gutyo muri mwebwe havamwo umuhakanyi n’umwemeramana (umwe wese ku co yahisemwo). Imana Allah na Yo, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.

See all translations of this verse →

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ بِٱلْحَقِّ وَصَوَّرَكُمْ فَأَحْسَنَ صُوَرَكُمْ وَإِلَيْهِ ٱلْمَصِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYaremye amajuru n’isi mu kuri (ata gufyina kurimwo), Iraheza Irabarema Ibaha n’ishusho ryiza ribabereye. Ni kuri Yo rero, ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.

See all translations of this verse →

يَعْلَمُ مَا فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَيَعْلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعْلِنُونَ وَٱللَّهُ عَلِيمٌۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Imana Allah Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, Iranazi ivyo mugirira mw’ibanga n’ivyo mugirira ku mugaragaro. Kandi burya Imana Allah, Irazi n'ibinyegejwe mu mishaha.

See all translations of this verse →

أَلَمْ يَأْتِكُمْ نَبَؤُا۟ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ مِن قَبْلُ فَذَاقُوا۟ وَبَالَ أَمْرِهِمْ وَلَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Mbega, ntimwashikiriwe n’inkuru y’abagararije b’aho hambere! Barahonjeje inkurikizi z’ubugarariji bwabo, baranarindiriwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُۥ كَانَت تَّأْتِيهِمْ رُسُلُهُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ فَقَالُوٓا۟ أَبَشَرٌ يَهْدُونَنَا فَكَفَرُوا۟ وَتَوَلَّوا۟ وَّٱسْتَغْنَى ٱللَّهُ وَٱللَّهُ غَنِىٌّ حَمِيدٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo vyose rero, vyatewe n’uko Intumwa zabazanira ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, bakavuga n’akagaye n'akantu bati: “Mbega abantu nkatwe, ni bo boturongora!”. Ni uko rero, baraheza baragarariza Imana Allah, barahakana n’Intumwa zayo bivuye inyuma, bagenza umugongo ntibemera ukuri, Imana Allah na Yo, Irabirengagiza. Burya Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.

See all translations of this verse →

زَعَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓا۟ أَن لَّن يُبْعَثُوا۟ قُلْ بَلَىٰ وَرَبِّى لَتُبْعَثُنَّ ثُمَّ لَتُنَبَّؤُنَّ بِمَا عَمِلْتُمْ وَذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije, barigamba ko batazozurwa. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Muzobuzwa n’iki kuzurwa! Ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema ko muzozurwa, hanyuma mumenyeshwe ivyo mwakoze vyose; kandi ivyo biroroshe cane ku Mana Allah”.

See all translations of this verse →

فَـَٔامِنُوا۟ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَٱلنُّورِ ٱلَّذِىٓ أَنزَلْنَا وَٱللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ خَبِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Enda rero nyabuna nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, mwemere na Qor’ani Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa yacu. Burya Imana Allah, Irazi ivyo mukora, ni Muhetuziwavyose.

See all translations of this verse →

يَوْمَ يَجْمَعُكُمْ لِيَوْمِ ٱلْجَمْعِ ذَٰلِكَ يَوْمُ ٱلتَّغَابُنِ وَمَن يُؤْمِنۢ بِٱللَّهِ وَيَعْمَلْ صَٰلِحًا يُكَفِّرْ عَنْهُ سَيِّـَٔاتِهِۦ وَيُدْخِلْهُ جَنَّٰتٍ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدًا ذَٰلِكَ ٱلْفَوْزُ ٱلْعَظِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke n’umusi Imana Allah, Yabakoranirije hamwe ku musi w’iyegeranywa ry’ibiremwa. Uwo, ni wo musi w’uruhombo no kwicuza. Uwo wese rero yemera Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, Izomubabarira ibicumuro vyiwe, Imwinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ وَكَذَّبُوا۟ بِـَٔايَٰتِنَآ أُو۟لَٰٓئِكَ أَصْحَٰبُ ٱلنَّارِ خَٰلِدِينَ فِيهَا وَبِئْسَ ٱلْمَصِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’ivyemezo vyayo Yarungikanye Intumwa, vyerekana ko Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa; abo, ni bo bantu rero bo mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera; ayo, ni yo maherezo mabi cane.

See all translations of this verse →

مَآ أَصَابَ مِن مُّصِيبَةٍ إِلَّا بِإِذْنِ ٱللَّهِ وَمَن يُؤْمِنۢ بِٱللَّهِ يَهْدِ قَلْبَهُۥ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَىْءٍ عَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umwe ashikirwa n’ikiza ico ari co cose, kiretse ko kiba ku bushake n’ubushobozi vy’Imana Allah. Uwo wese yemera Imana Allah vy’ukuri, Imana Allah Izoshoboza umushaha wiwe kwakirana umutima ushima ivyagezwe. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.

See all translations of this verse →

وَأَطِيعُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُوا۟ ٱلرَّسُولَ فَإِن تَوَلَّيْتُمْ فَإِنَّمَا عَلَىٰ رَسُولِنَا ٱلْبَلَٰغُ ٱلْمُبِينُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Enda rero nyabuna nimwumvire Imana Allah, mwongere mwumvire n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Nimwagenza umugongo mukagabitanya, ni ukuri Intumwa yacu, ijejwe gusa gushikiriza ubutumwa butomoye.

See all translations of this verse →

ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلْيَتَوَكَّلِ ٱلْمُؤْمِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAllah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.

See all translations of this verse →

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓا۟ إِنَّ مِنْ أَزْوَٰجِكُمْ وَأَوْلَٰدِكُمْ عَدُوًّا لَّكُمْ فَٱحْذَرُوهُمْ وَإِن تَعْفُوا۟ وَتَصْفَحُوا۟ وَتَغْفِرُوا۟ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٌ رَّحِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri mu bakenyezi banyu no mu bibondo vyanyu, harimwo abansi banyu bashobora kubanyereza, murabiyubara rero. Nimwabagirira ikigongwe mukirengagiza ivyo babagiriye mukanabagumiriza ibanga; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo, Izobasubiriza mu ndumane.

See all translations of this verse →

إِنَّمَآ أَمْوَٰلُكُمْ وَأَوْلَٰدُكُمْ فِتْنَةٌ وَٱللَّهُ عِندَهُۥٓ أَجْرٌ عَظِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ni ibigeragezo kuri mwebwe. Imana Allah na Yo, Irafise impembo ihambaye.

See all translations of this verse →

فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ مَا ٱسْتَطَعْتُمْ وَٱسْمَعُوا۟ وَأَطِيعُوا۟ وَأَنفِقُوا۟ خَيْرًا لِّأَنفُسِكُمْ وَمَن يُوقَ شُحَّ نَفْسِهِۦ فَأُو۟لَٰٓئِكَ هُمُ ٱلْمُفْلِحُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Kubera ivyo rero, nimwitange uko mushoboye kwose mu kwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah; mwumvire n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muyigamburukire, maze mutange no mu vyo mwaronkejwe ku neza yanyu. Abazokingirwa ntibabe ingumyi; abo, ni bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

إِن تُقْرِضُوا۟ ٱللَّهَ قَرْضًا حَسَنًا يُضَٰعِفْهُ لَكُمْ وَيَغْفِرْ لَكُمْ وَٱللَّهُ شَكُورٌ حَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwagurana Imana Allah ingurane nziza (mu gutanga ku bwayo), Izobagwiriza indishi umurengera, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire. Burya Imana Allah, ni Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga; Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana;

See all translations of this verse →

عَٰلِمُ ٱلْغَيْبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلْعَزِيزُ ٱلْحَكِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzi ibinyegeje n’ibiboneka. Ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70