Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abaca bugufi mu kutarenza urwamo Intumwa y’Imana, igihe bari kumwe na yo; abo, ni bo Imana Allah Yagerageje imishaha yabo, maze Irayeza mu kuyishikana kw’igamburukiramana, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, vyirengagizwe ntibabihanirwe, bazonaronka n’impano zihambaye kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo bihangana bakarindira ko usohoka, vyari kuba ari vyiza kuri bo ku Mana Allah kuko Yabategetse kukwubaha. Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimumenye kandi ko Intumwa y’Imana iri kumwe na mwe, muheze rero murangwe n’urupfasoni, kuko yoyo ishaka ko mubaho mw’iteka n’itekane, ata we mubangamiye. Mu gihe rero yobumvira mu vyo mwipfuza vyose, ni ukuri ntimwokworoherwa namba; ariko rero Imana Allah, Yabakundishije ukwemera Iranakuryohereza mu mishaha yanyu, Ibankisha ubugarariji n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa yayo no kugabitanya. Abarangwa n’izi ngeso nziza rero, ni bo bari mu nzira nziza ibereye y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo vyiza vyose murimwo, ni impano n’inema zivuye ku Mana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye Tubakomoye kuri so wanyu umwe ari we Adamu, na nyoko wanyu umwe ari we Hawa, nta gituma rero mwokwihaya ku nkomoko zanyu; Twaranabaremye mw’ima ry'intanga biciye mu kurondoka, Tubagira amahanga n’amoko atandukanye kw’isi kugira gusa mumenyane. Mu vy’ukuri, intore muri mwebwe isumba abandi ku Mana Allah, ni umugamburukiramana muri mwebwe gusumba abandi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbaba mu micungararo y’igisagara ca Madina, barinamuye bavuga bihaya bati: “Twaremeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa yayoˮ. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ntimukihaye ko mwemeye vy’ukuri, ahubwo nimuvuge muti: “Twarabaye abislamuˮ, nayo ukwemera ntikuranyengetera mu mitima yanyu. Nimwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah ntizogabanya na kimwe mu ndishi z’ibikorwa vyanyuˮ. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo[5].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri abemeramana koko, ni barya bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hanyuma ntibagira amakenga mu kwemera kwabo, maze baharanira n'idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo. Abo, ni bo rero mvugakuri koko mu kwemera kwabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Bakwihayako ko bagukurikiye bakaba abislamu! Babwire uti: “Ntimukanyihayeko ko mwabaye abislamu kuko mwababaye ku neza yanyu; ahubwo Imana Allah Ibihayako ku kuba Yarabashoboje kuba abislamu, mukayemera Yo hamwe n’Intumwa yayo nimwaba muri imvugakuri koko mu kwemera kwanyuˮ.