Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yamanuye ituze mu mitima y’abemeramana umusi w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, maze baraturura, baratekana baratekanirwa, kugira bongererezwe ukwemera no gukurikira Intumwa ku kwemera no gukurikira Intumwa bari basanganwe. Burya Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi Iheza Igatabaza abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKugira Yinjize abemeramana n’abemeramanakazi mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, Yongere Ibababarire ibicumuro vyabo maze Ivyirengagize ntibibahanire. Iyo ndishi rero bategekanirijwe ku Mana Allah, ni kwo gukira agahinda no gushika ku co bipfuza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi, Iheza Ikaziteza ingoga abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru[2].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, niwabanebagura ku kwisigaza inyuma kwabo, bazokwiregura bavuga n’akarimi gasosa bati: “Twafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango vyacu, turakwinginze rero udusabire ikigongwe ku Mana Allah”; maze akarimi kabo kakavuga ibihushanye n’ibiri ku mutima; babwire uti: “Ni nde yogira ico abamariye ku Mana Allah ngo abakingire mu gihe Yo, Yoshaka ko mushikirwa n’akaga, canke ngo abageramire mu gihe Yo, Yoshaka ko muroranirwa! Uko mwibaza si ko biri! Murihenda mu kwibwira ko Imana Allah Itazi uburyarya muhishije mu mishaha yanyu; ahubwo Imana Allah, Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUko mwireguye ku Ntumwa y’Imana muvuga ko mwafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango yanyu, si ko biri; ahubwo mwibwiye ko Intumwa y’Imana hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo bazohwerera ku rugamba, maze shetani ibaryohereza iciyumviro c’uko batazokwigera bagaruka amahoro mu miryango yabo, muraheza mwiyumvira nabi Imana Allah ko Itazoshobora gutabara Intumwa yayo hamwe n’ingendanyi ngo baneshe abansi babo, mwari n’abantu bakwiye guhona kuko ata ciza kibavamwo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Nyenubwami Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; Igumiriza akabanga uwo Ishatse ku mpuhwe zayo, Ikirengagiza ivyaha vyiwe ntibimuhanire, Igahana n’uwo Ishatse ku butungane bwayo ata karenganyo. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Abisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka ku musi wa Al-Hudaybiyya, igihe wewe n’ingendanyi mwagiye kuronka iminyago ya Khayibari mwasezeraniwe n’Imana Allah, bazovuga bati: “Enda rero nyabuna nimutureke tujane na mwe ku rugamba rwa Khayibari”, bagomba guhindura isezerano mwahawe n’Imana Allah. Bakurire inkoni ku gishitsi uti: “Kizire, ntimurote mudukurikira ku rugamba rwa Khayibari, ni ryo sezerano twahawe n’Imana Allah imbere yuko tugaruka i Madina, ko iminyago ya Khayibari yagenewe gusa abari kumwe nanje ku musi wa Al-Hudaybiyya”. Bazoheza basubizeyo bati: “Imana Allah nta co Yigeze Ibasezeranira, ahubwo mutwankiye ko tujana ku kubera ishari mudufitiye ko twohava turonka ku minyago”. Ahubwo rero mbere, ntibari banatahura ivyo basabwa n’ivyo barekuriwe gukora mw’idini, kiretse bike cane.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Nta caha kiri ku mpumyi, ku kimuga, ku wukitswe n’amagara, mu gihe bosiba ku rugamba kuko bafise imvo zumvikana. Uwumviye Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah Izomwinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Nayo uwugabitanye mu kutaja ku rugamba, Imana Allah Izomuha ibihano bibabaza.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ni ukuri Imana Allah, Yarishimiye abemeramana igihe biyemeza kukwigura ku rugamba igihe bari musi y’igiti ku musi wa Al-Hudaybiyya, maze hamenyekana - ku vyo Yari Isanzwe Izi - vy’ukuri ukwemera no gushitsa isezerano biri mu mishaha yabo, Iraheza Ibamanurira ituze baratekana baratekanirwa, Ica Ibahembera urugamba rutahavuye ruba ku kubera amasezerano ya Al-Hudaybiyya, intsinzi yimirije;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHejuru y’ivyo, hari n’iminyago myinshi bazoronka ku rugamba rwa Khayibari. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Yabasezeraniye iminyago myinshi muzoronka mu nyuma nihagera, maze Ibanza kubaha iyo minyago ya Khayibari, Ibakurako n’igeramirwa ry’abansi banyu bashaka kubakwegera mu ndwano, no kubaca mu ryahumye mu kugirira nabi abo mwasize i Madina; ivyo vyose bikaba vyabaye ukwo, kugira bibe inkebuzo n’icemezo ku bemeramana ko Imana Allah Ishoboye kubatabara no kubabungabunga; no kugira rero Ibarongore mu nzira igororotse.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero abagarariji b’i Makka bihenda ngo barwane na mwe, ni ukuri bari kuneshwa bagatungwa n’ayo bameze, hanyuma nta n’umuhagarikizi abatunganiriza ivyabo, eka mbere nta n’umutabazi yari kubafasha kururwana, bari kuronka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi uko vyamye rero ku biremwa, ko Imana Allah Itabara ingabo zayo mu kunesha abansi bayo. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo gutabara ingabo zacu mu kunesha abansi bacu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yababanguranije n’ababangikanyamana bashatse kubatera igihe mwari ahitwa Al-Hudaybiyya mu kabande k’i Makka, hari mu nyuma y’aho Imana Allah Ibashoboreje kubafata hanyuma bararekurwa[3]. Burya Imana Allah rero, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri Imana Allah, Yarashize mu ngiro vy’ukuri indoto y’ukuri Yeretse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), aho yamubwiye Iti: “Ntumwa y’Imana! Mu mwaka ukurikira, mu vy’ukuri wewe hamwe n’ingendanyi zawe, muzokwinjira mu musigiti w’i Makka ku bushake bw’Imana Allah mw’iteka n’itekane, mwamoye umushatsi canke mwawugabanije, ata na kimwe mutinya kiretse gusa Imana Allah”. Imana Allah, Yari Izi ivyiza mutigeze mumenya, biri mu kutabashoboza kuhinjira muri uwo mwaka w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, Iraheza rero ha kwinjira i Makka, Ibaha isezerano ry’uko intsinzi yo guhabuza Khayibari iri hafi inyuma y’agahengwe k’ayo masezerano.