caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Hujuraat, Verse 11

Medina · revelation order 106 · 49:11

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ لَا يَسْخَرْ قَوْمٌ مِّن قَوْمٍ عَسَىٰٓ أَن يَكُونُوا۟ خَيْرًا مِّنْهُمْ وَلَا نِسَآءٌ مِّن نِّسَآءٍ عَسَىٰٓ أَن يَكُنَّ خَيْرًا مِّنْهُنَّ وَلَا تَلْمِزُوٓا۟ أَنفُسَكُمْ وَلَا تَنَابَزُوا۟ بِٱلْأَلْقَٰبِ بِئْسَ ٱلِٱسْمُ ٱلْفُسُوقُ بَعْدَ ٱلْإِيمَٰنِ وَمَن لَّمْ يَتُبْ فَأُو۟لَٰٓئِكَ هُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntihakagire umugwi w’abagabo usuzugura uwundi mugwi, kumbure hari n’aho umugwi usuzuguwe muri bo, woba urangwa n’ubutore gusumba umugwi wawusuzuguye. No mu bagore nyene, ntihakagire umugwi muri bo usuzugura uwundi mugwi, kumbure hari n’aho umugwi wasuzuguwe muri bo, woba urangwa n’ubutore gusumba umugwi wawusuzuguye. Ntimugatezanye urubwa, kandi ntimugatazirane amazina mabi (adakundwa). Ni bibi cane ko mwitana izina ry’ubunyakibi mu nyuma y’aho mumariye kuba abislamu, mugatahura ububi bwavyo. Uwutazokwigaya rero ngo avavanure no kwitana izina nk’iryo, azoba ari mu birenganije.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70