caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Nisaa, Verse 46

Medina · revelation order 92 · 4:46

مِّنَ ٱلَّذِينَ هَادُوا۟ يُحَرِّفُونَ ٱلْكَلِمَ عَن مَّوَاضِعِهِۦ وَيَقُولُونَ سَمِعْنَا وَعَصَيْنَا وَٱسْمَعْ غَيْرَ مُسْمَعٍ وَرَٰعِنَا لَيًّۢا بِأَلْسِنَتِهِمْ وَطَعْنًا فِى ٱلدِّينِ وَلَوْ أَنَّهُمْ قَالُوا۟ سَمِعْنَا وَأَطَعْنَا وَٱسْمَعْ وَٱنظُرْنَا لَكَانَ خَيْرًا لَّهُمْ وَأَقْوَمَ وَلَٰكِن لَّعَنَهُمُ ٱللَّهُ بِكُفْرِهِمْ فَلَا يُؤْمِنُونَ إِلَّا قَلِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya mu bayahudi harimwo umugwi wihaye guhindagura amajambo y’Imana Allah mw’irementanya uko atari, bagaheza bakabwira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kwiyorobeka bati: “Twumvise ijambo ryawe!”, ariko ku mutima riniga bati: “Twiyamirije ibwirizwa ryawe!”, bakongera bati: “Twumvirize ntukumve[13], uheze utwiteho utwumvirize tukwumvirize[14]”, ivyo bakabivugana akarimi gasosa mu ntumbero yo gusabira Intumwa nabi, no gutyoza idini ry’ubwislamu. Iyo bapfuma bavuga bati: “Twumvise kandi twakwumviye, twumvirize rero unadutumbere kugira tugutahure gusumba”, vyari kuba vyiza cane kurusha kuri bo, ryari kuba n’ijambo ritunganye cane, ariko rero Imana Allah Yarabavumye kubera igarariza ryabo ryo kutumvira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), burya ntibemera vy’ukuri kiretse gake cane ata co kazobungura.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70