caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Tawba, Verse 120

Medina · revelation order 113 · 9:120

مَا كَانَ لِأَهْلِ ٱلْمَدِينَةِ وَمَنْ حَوْلَهُم مِّنَ ٱلْأَعْرَابِ أَن يَتَخَلَّفُوا۟ عَن رَّسُولِ ٱللَّهِ وَلَا يَرْغَبُوا۟ بِأَنفُسِهِمْ عَن نَّفْسِهِۦ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ لَا يُصِيبُهُمْ ظَمَأٌ وَلَا نَصَبٌ وَلَا مَخْمَصَةٌ فِى سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَا يَطَـُٔونَ مَوْطِئًا يَغِيظُ ٱلْكُفَّارَ وَلَا يَنَالُونَ مِنْ عَدُوٍّ نَّيْلًا إِلَّا كُتِبَ لَهُم بِهِۦ عَمَلٌ صَٰلِحٌ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجْرَ ٱلْمُحْسِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtivyari bibereye na gato ko abantu baba mu gisagara ca Madina n'ababa mu micungararo yaco, basiba ku rugamba ngo ntibajane n’Intumwa y’Imana Allah (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); eka ntibari no gushima kuruhuka mu zabo mu gihe Intumwa y’Imana iri ku muruho w’urugamba. Ivyo rero vyatewe n’uko batigera bashikirwa n’inyota, umuruho canke inzara mu gihe bari mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, eka ntibanaca ahantu bigashavuza abagarariji ko bahaciye, eka ntibigera bananesha canke ngo bice umwansi, kiretse ko kuri ivyo vyose, bandikirwa n’Imana Allah indishi y’ibikorwa vyiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntitakaza namba indishi z’abagwaneza;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70