caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Ar-Ra'd, Verse 31

Medina · revelation order 96 · 13:31

وَلَوْ أَنَّ قُرْءَانًا سُيِّرَتْ بِهِ ٱلْجِبَالُ أَوْ قُطِّعَتْ بِهِ ٱلْأَرْضُ أَوْ كُلِّمَ بِهِ ٱلْمَوْتَىٰ بَل لِّلَّهِ ٱلْأَمْرُ جَمِيعًا أَفَلَمْ يَا۟يْـَٔسِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓا۟ أَن لَّوْ يَشَآءُ ٱللَّهُ لَهَدَى ٱلنَّاسَ جَمِيعًا وَلَا يَزَالُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ تُصِيبُهُم بِمَا صَنَعُوا۟ قَارِعَةٌ أَوْ تَحُلُّ قَرِيبًا مِّن دَارِهِمْ حَتَّىٰ يَأْتِىَ وَعْدُ ٱللَّهِ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُخْلِفُ ٱلْمِيعَادَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo haba Qor’ani yosomwa, maze ikagendesha imisozi ikava aho iri, canke igatuma isi isadagurika igatemba inzuzi, canke igatuma abapfuye bazuka bakavuga, yobaye ari iyi Qor’ani [9]; kandi hamwe n’ivyo vyose, ntivyotumye bayemera. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyene gushinga ingingo zose mu kwerekana ibitangaro, n’ibindi. Mbega abemeramana ntibazi ko iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose kw’isi, bemera hatarinze kuba ibitangaro! Abagararije rero, ntibazoreka gushikirwa n’ivyago bitewe n’igarariza ryabo; nko kwicwa no kugirwa imbohe, canke nya vyago bishikire ababanyi b’aho bacumbitse, gushika n’aho isezerano ry’Imana Allah ryo kuneshwa kwabo, rizoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntica kubiri n’isezerano.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70