caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 38

Mecca · revelation order 39 · 7:38

قَالَ ٱدْخُلُوا۟ فِىٓ أُمَمٍ قَدْ خَلَتْ مِن قَبْلِكُم مِّنَ ٱلْجِنِّ وَٱلْإِنسِ فِى ٱلنَّارِ كُلَّمَا دَخَلَتْ أُمَّةٌ لَّعَنَتْ أُخْتَهَا حَتَّىٰٓ إِذَا ٱدَّارَكُوا۟ فِيهَا جَمِيعًا قَالَتْ أُخْرَىٰهُمْ لِأُولَىٰهُمْ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ أَضَلُّونَا فَـَٔاتِهِمْ عَذَابًا ضِعْفًا مِّنَ ٱلنَّارِ قَالَ لِكُلٍّ ضِعْفٌ وَلَٰكِن لَّا تَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Izobabwira ku musi w’izuka Iti: “Nimwinjire rero mu muriro muri kumwe n’iyindi migwi y’abagarariji b’aho hambere yanyu mu majini n’abantu”. Uko umugwi wose warungikiwe Intumwa winjiye mu muriro, ni ko uzota imiragwe ku wundi mugwi wawuhubishije gushika n’aho imigwi yose ihurira mu muriro. Ni ho rero umugwi wahuvye uzoca usabira ibihano ruhasha umugwi wawuhubishije uti: “Mana yacu Rurema Allah! Aba, ni bo baduhubishije inzira yawe igororotse, kubera ivyo rero, bahe ibihano bigwijwe kenshi”. Imana Allah Izobishura Iti: “Burya umugwi wose muri mwebwe no muri bo, urafise ibihano bigwijwe kenshi, ariko nta vyo muzi”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70