caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 187

Mecca · revelation order 39 · 7:187

يَسْـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرْسَىٰهَا قُلْ إِنَّمَا عِلْمُهَا عِندَ رَبِّى لَا يُجَلِّيهَا لِوَقْتِهَآ إِلَّا هُوَ ثَقُلَتْ فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ لَا تَأْتِيكُمْ إِلَّا بَغْتَةً يَسْـَٔلُونَكَ كَأَنَّكَ حَفِىٌّ عَنْهَا قُلْ إِنَّمَا عِلْمُهَا عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكْثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye umuhero w’isi, ni ryari uzoshika? Babwire uti: “Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikira bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, nta n’umwe ashobora kugaragaza igihe cawo kiretse Yo Yonyene. Igihe umuhero w’isi uzoshikirako, kinyegejwe ibiremwa vyose vyo mu majuru no mw’isi, nta n’umwe muri vyo azi igihe uzoshikira. Ntuzobishikira rero kiretse ko uzobishikira giturumbuka”. Ntumwa y’Imana! Bakubaza nk’aho woba witwararitse cane kumenya igihe umuhero w’isi uzoshikirako! Babwire uti: “Ni ukuri, ubumenyi bw’igihe uzoshikirako bufiswe n’Imana yanje Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ko bufiswe na Yo gusa”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70