caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 150

Mecca · revelation order 39 · 7:150

وَلَمَّا رَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوْمِهِۦ غَضْبَٰنَ أَسِفًا قَالَ بِئْسَمَا خَلَفْتُمُونِى مِنۢ بَعْدِىٓ أَعَجِلْتُمْ أَمْرَ رَبِّكُمْ وَأَلْقَى ٱلْأَلْوَاحَ وَأَخَذَ بِرَأْسِ أَخِيهِ يَجُرُّهُۥٓ إِلَيْهِ قَالَ ٱبْنَ أُمَّ إِنَّ ٱلْقَوْمَ ٱسْتَضْعَفُونِى وَكَادُوا۟ يَقْتُلُونَنِى فَلَا تُشْمِتْ بِىَ ٱلْأَعْدَآءَ وَلَا تَجْعَلْنِى مَعَ ٱلْقَوْمِ ٱلظَّٰلِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa amaze kugaruka ku bantu biwe, yaje yishwe n’ishavu n’intuntu n’akantu, kuko Imana Allah Yari Yamubwiye ko Yagerageje abantu biwe, n’uko Al-Saamiriy yamaze kubahubisha. Musa yarahejeje avuga ati: “Ni agahebuza, ni bibi cane ivyo mwasigaye murankorera inyuma y’aho ngiriye! Mbega mwihutiye gushaka ko ngaruka gihutihuti, ntimwaheza ngo mundindire nk’uko mwasezeraniwe n’Imana yanyu Rurema Allah?”. Ni ho Musa yaterera hasi Imizingo ya Tawurati, aca afata n’ishavu n’akantu murumunawe Haruna mu kanigo aramujegeza. Haruna ni ho yamwinginga ati: “Mwana wa mama! Ni ukuri, abantu bari aho barampahaje bahakwa no kunyica, enda reka kunkekeza ntitwihe amenyo y’abatwenzi mu bansi bacu, kandi ntutwarwe n’agashavu ngo unshire mu bantu birenganije bagaca kubiri n’ibwirizwa ryawe, bagasenga igishusho c’ishashi y’inka”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70