caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Nisaa, Verse 127

Medina · revelation order 92 · 4:127

وَيَسْتَفْتُونَكَ فِى ٱلنِّسَآءِ قُلِ ٱللَّهُ يُفْتِيكُمْ فِيهِنَّ وَمَا يُتْلَىٰ عَلَيْكُمْ فِى ٱلْكِتَٰبِ فِى يَتَٰمَى ٱلنِّسَآءِ ٱلَّٰتِى لَا تُؤْتُونَهُنَّ مَا كُتِبَ لَهُنَّ وَتَرْغَبُونَ أَن تَنكِحُوهُنَّ وَٱلْمُسْتَضْعَفِينَ مِنَ ٱلْوِلْدَٰنِ وَأَن تَقُومُوا۟ لِلْيَتَٰمَىٰ بِٱلْقِسْطِ وَمَا تَفْعَلُوا۟ مِنْ خَيْرٍ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِهِۦ عَلِيمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Abantu barakubaza ibibadidaniye ku bijanye n’ingingo zerekeye abakenyezi, babwire ko Imana Allah Ibatomorera ingingo zerekeye abo bakenyezi, n’ingingo musomerwa mu Gitabu zerekeye impfuvyikazi mudahereza ivyo Imana Allah Yazigeneye mu nkwano n’ibisigi, no mu bindi bijanye n’agateka kazo, mugaheza mukipfuza kuzabira, Iranabatomorera ingingo zerekeye abatishoboye mu bana b’abahungu, hamwe rero n’ukuntu mwotunganiriza impfuvyi, ata kuzirenganya mu kutubahiriza agateka kazo. Ico ari co cose rero mugize mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Izokibahembera.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70