caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Qasas, Verse 15

Mecca · revelation order 49 · 28:15

وَدَخَلَ ٱلْمَدِينَةَ عَلَىٰ حِينِ غَفْلَةٍ مِّنْ أَهْلِهَا فَوَجَدَ فِيهَا رَجُلَيْنِ يَقْتَتِلَانِ هَٰذَا مِن شِيعَتِهِۦ وَهَٰذَا مِنْ عَدُوِّهِۦ فَٱسْتَغَٰثَهُ ٱلَّذِى مِن شِيعَتِهِۦ عَلَى ٱلَّذِى مِنْ عَدُوِّهِۦ فَوَكَزَهُۥ مُوسَىٰ فَقَضَىٰ عَلَيْهِ قَالَ هَٰذَا مِنْ عَمَلِ ٱلشَّيْطَٰنِ إِنَّهُۥ عَدُوٌّ مُّضِلٌّ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMusa yarinjiye mu gisagara ca Misiri yinyegeje mu gihe abantu b’aho bari basamaye, ahasanga abagabo babiri bariko bararwana; umwe muri bo yakomoka mu bantu biwe, Abene Israyeli, uwundi na we yakomoka mu bantu ba Firawuni, Abanyagiputa. Maze uwukomoka mu bantu biwe aramwiyambaza ngo amutabare, Musa araheza akubita igipfunsi wa Munyagiputa, aca ararambarara. Musa aca avuga yinegura ati: “Iki gikorwa giturutse ku nyoshambi za shetani zatumye ntwarwa n’agashavu nkamukubita agaca apfa. Mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara wa mwene Adamu, ihubisha inzira igororotse[2]”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70