caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Tawba, Verse 118

Medina · revelation order 113 · 9:118

وَعَلَى ٱلثَّلَٰثَةِ ٱلَّذِينَ خُلِّفُوا۟ حَتَّىٰٓ إِذَا ضَاقَتْ عَلَيْهِمُ ٱلْأَرْضُ بِمَا رَحُبَتْ وَضَاقَتْ عَلَيْهِمْ أَنفُسُهُمْ وَظَنُّوٓا۟ أَن لَّا مَلْجَأَ مِنَ ٱللَّهِ إِلَّآ إِلَيْهِ ثُمَّ تَابَ عَلَيْهِمْ لِيَتُوبُوٓا۟ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiVyongeye, Imana Allah Yarumviye Igirira n'ikigongwe abantu batatu[35] mu basangwa basivye ku rugamba rwa Tabuuki, hanyuma baratuntura ku mutima gushika n’aho isi ibagira kandi isanzwe yagutse kubera agahinda n’ukwicuza, barabura iyo baja n’iyo bava, baraheza baramenya ata gukekeranya ko ata buhungiro bafise kiretse ku Mana Allah. Ni ho rero mu nyuma Imana Allah Yabumvira, Iraheza Irabashoboza kwigaya kuri Yo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70