caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 53

Mecca · revelation order 39 · 7:53

هَلْ يَنظُرُونَ إِلَّا تَأْوِيلَهُۥ يَوْمَ يَأْتِى تَأْوِيلُهُۥ يَقُولُ ٱلَّذِينَ نَسُوهُ مِن قَبْلُ قَدْ جَآءَتْ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلْحَقِّ فَهَل لَّنَا مِن شُفَعَآءَ فَيَشْفَعُوا۟ لَنَآ أَوْ نُرَدُّ فَنَعْمَلَ غَيْرَ ٱلَّذِى كُنَّا نَعْمَلُ قَدْ خَسِرُوٓا۟ أَنفُسَهُمْ وَضَلَّ عَنْهُم مَّا كَانُوا۟ يَفْتَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega abagarariji boba barindiriye iki kugira bemere, kiretse gushikirwa n’ibihano basezeraniwe muri Qor’ani! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, abirengagije Qor’ani bakanayibagira bakiri kw’isi bazovuga bati: “Ni ukuri, turemeye ko Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zizanye ukuri, ziranaduhanura. Mbega yemwe tworonka hehe abagenzi ngo batuvugire ku Mana Allah ntiduhanwe, canke dusubizwe kandi kw’isi duheze dukore ibitari nk’ivyo twahora dukora bidashimisha Imana Allah!”. Ni ukuri abo barahomvye ubuzima bwabo, bazoruhukira mu muriro, n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70