caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Najm, Verse 32

Mecca · revelation order 23 · 53:32

ٱلَّذِينَ يَجْتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلْإِثْمِ وَٱلْفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلْمَغْفِرَةِ هُوَ أَعْلَمُ بِكُمْ إِذْ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلْأَرْضِ وَإِذْ أَنتُمْ أَجِنَّةٌ فِى بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمْ فَلَا تُزَكُّوٓا۟ أَنفُسَكُمْ هُوَ أَعْلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbirinda gukora ivyaha rutura be n’ibicumuro, kiretse ibicumuro bitobito bidakorwa n’ibigirankana canke bigakorwa gake kabaho, ivyo biraheza bigahunguruka mu gihe umuntu yubahirije amabwirizwa y’ibisabwa n’ibibujijwe gukora; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iragumiriza akabanga umuntu Ikamubabarira ibicumuro, ni na Yo rero Izi cane ukuntu mubayeho kuva aho Iremeye so wanyu Adamu mw’ivu, n’igihe muba mukiri mu mbanyi z’abavyeyi banyu. Ntimukiyeze rero ko muri abagamburutsi, burya Imana Allah, ni Yo Izi na canecane uwikingira ibihano vyayo mu kwirinda gukora ibibujijwe.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70