caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Israa, Verse 60

Mecca · revelation order 50 · 17:60

وَإِذْ قُلْنَا لَكَ إِنَّ رَبَّكَ أَحَاطَ بِٱلنَّاسِ وَمَا جَعَلْنَا ٱلرُّءْيَا ٱلَّتِىٓ أَرَيْنَٰكَ إِلَّا فِتْنَةً لِّلنَّاسِ وَٱلشَّجَرَةَ ٱلْمَلْعُونَةَ فِى ٱلْقُرْءَانِ وَنُخَوِّفُهُمْ فَمَا يَزِيدُهُمْ إِلَّا طُغْيَٰنًا كَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twakubwira Duti: “Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Yarahetuye abantu mu bumenyi n’ubushobozi vyayo. N’ivyo Twakweretse mu bitangaje vy’ibiremwa mu rugendo rw’ijoro no mu kuduzwa mw’ijuru, ukabibona ukuri kwamye, ntitwabigize atari ukugira ngo bibe igeragezwa ku bantu; gutyo hagaragare umwemeramana n’umugarariji. N’igiti citwa “Al-Zaqquum” cavumwe, kivugwa muri Qor’ani, na co nyene Twakigize igeragezwa ku bantu. Turanatera rero n’ubwoba ababangikanyamana mu kubarungukira ibihano n’ibitangaro bitandukanye, ariko hamwe n’ivyo vyose, nta na kimwe bibongerereza kiretse ukwimonogoza mu bugarariji”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70