caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Hud, Verse 81

Mecca · revelation order 52 · 11:81

قَالُوا۟ يَٰلُوطُ إِنَّا رُسُلُ رَبِّكَ لَن يَصِلُوٓا۟ إِلَيْكَ فَأَسْرِ بِأَهْلِكَ بِقِطْعٍ مِّنَ ٱلَّيْلِ وَلَا يَلْتَفِتْ مِنكُمْ أَحَدٌ إِلَّا ٱمْرَأَتَكَ إِنَّهُۥ مُصِيبُهَا مَآ أَصَابَهُمْ إِنَّ مَوْعِدَهُمُ ٱلصُّبْحُ أَلَيْسَ ٱلصُّبْحُ بِقَرِيبٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzo ntumwa z’abamalayika zaciye zimenyekanisha kwa Luutwi, ziti: “Ewe Luutwi! Mu vy’ukuri, twebwe turi intumwa z’abamalayika zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, twaje kugira duhonye abantu bawe, humura rero ntibashobora namba kwegera n’aho uri. Enda nyabuna rero, muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahirahira ngo ahindukire arabe inyuma, ariko rero umugore wawe aza guhanwa mu bandi. Isango ry’ihonywa ryabo rero, ni mu bucagucagu, burya ubucabucagu buri hafi gushika”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70