caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 85

Mecca · revelation order 39 · 7:85

وَإِلَىٰ مَدْيَنَ أَخَاهُمْ شُعَيْبًا قَالَ يَٰقَوْمِ ٱعْبُدُوا۟ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنْ إِلَٰهٍ غَيْرُهُۥ قَدْ جَآءَتْكُم بَيِّنَةٌ مِّن رَّبِّكُمْ فَأَوْفُوا۟ ٱلْكَيْلَ وَٱلْمِيزَانَ وَلَا تَبْخَسُوا۟ ٱلنَّاسَ أَشْيَآءَهُمْ وَلَا تُفْسِدُوا۟ فِى ٱلْأَرْضِ بَعْدَ إِصْلَٰحِهَا ذَٰلِكُمْ خَيْرٌ لَّكُمْ إِن كُنتُم مُّؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye ku bwoko bwa “Madiyana” mwenewabo Shu’ayibu, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, nimutunganirize rero abantu mu gukwiza ingero n’iminzane; kandi ntimukagabanye na gato ku vyo bagenewe ngo mubarenganye, ntimukanagenzwe n’ubwononyi bwo kurenganya no kugarariza kw’isi, inyuma y’aho Intumwa z’aho hambere yanyu zitunganirije mu kwisunga iyumviramana. Ivyo ndabararikiye rero, harimwo ineza kuri mwebwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nimwaba muvyemera, muvyubahiriza.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70