caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 86

Mecca · revelation order 39 · 7:86

وَلَا تَقْعُدُوا۟ بِكُلِّ صِرَٰطٍ تُوعِدُونَ وَتَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ مَنْ ءَامَنَ بِهِۦ وَتَبْغُونَهَا عِوَجًا وَٱذْكُرُوٓا۟ إِذْ كُنتُمْ قَلِيلًا فَكَثَّرَكُمْ وَٱنظُرُوا۟ كَيْفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلْمُفْسِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimugategerere abantu ku nzira, mubatera ubwoba bwo kwicwa mu gihe batabahaye amatungo yabo, muburagiza n’abemera Imana Allah kwinjira mw’idini ryayo, mwipfuza ko ridatumbera ukuri, rikubahirizwa nk’uko mubishaka. Nimwibuke kandi inema mwahawe n’Imana Allah igihe mwari inkehwa, Imana Allah Ikabagwiza mugaheza mukaba ibihangange, kandi murabe n’ukuntu iherezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi ryagenze.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70