caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 158

Mecca · revelation order 39 · 7:158

قُلْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنِّى رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيْكُمْ جَمِيعًا ٱلَّذِى لَهُۥ مُلْكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحْىِۦ وَيُمِيتُ فَـَٔامِنُوا۟ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِ ٱلنَّبِىِّ ٱلْأُمِّىِّ ٱلَّذِى يُؤْمِنُ بِٱللَّهِ وَكَلِمَٰتِهِۦ وَٱتَّبِعُوهُ لَعَلَّكُمْ تَهْتَدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa y’Imana Allah kuri mwebwe mwese, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikazozura n’abapfuye. Kubera ivyo rero, nimwemere Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, Umuvugishwamana atigeze yiga kwandika no gusoma, yemera Imana Imwe Rudende Allah, akemera n’amajambo yayo Yamumanuriye n’ayo Yamanuriye Abavugishwamana bo hambere yiwe, kandi mumukurikire mwubahirize n’amabwirizwa yiwe kugira mube abagororotsi”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70