ٱلَّذِينَ يَحْمِلُونَ ٱلْعَرْشَ وَمَنْ حَوْلَهُۥ يُسَبِّحُونَ بِحَمْدِ رَبِّهِمْ وَيُؤْمِنُونَ بِهِۦ وَيَسْتَغْفِرُونَ لِلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ رَبَّنَا وَسِعْتَ كُلَّ شَىْءٍ رَّحْمَةً وَعِلْمًا فَٱغْفِرْ لِلَّذِينَ تَابُوا۟ وَٱتَّبَعُوا۟ سَبِيلَكَ وَقِهِمْ عَذَابَ ٱلْجَحِيمِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbamalayika bareruye ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe “Arshi” bari kumwe n’abandi bamalayika babukikuje, baninahaza Imana yabo Rurema Allah mu kuyishimagiza mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, bakayemera vy’ukuri, bagasabira imbabazi abemeramana, bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Impuhwe n’ubumenyi vyawe bikwiriye ikintu cose Waremye; kubera ivyo rero, Gumiriza akabanga maze Ubabarire abigaya ku vyaha vyabo bakanakurikira n’inzira yawe y’ubwislamu, Uheze Ubakingire n’ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;