أَلَمْ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ يَزْعُمُونَ أَنَّهُمْ ءَامَنُوا۟ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيْكَ وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبْلِكَ يُرِيدُونَ أَن يَتَحَاكَمُوٓا۟ إِلَى ٱلطَّٰغُوتِ وَقَدْ أُمِرُوٓا۟ أَن يَكْفُرُوا۟ بِهِۦ وَيُرِيدُ ٱلشَّيْطَٰنُ أَن يُضِلَّهُمْ ضَلَٰلًۢا بَعِيدًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’indyarya zibwira ko zemeye ivyo wamanuriwe muri Qor’ani n’ivyamanuriwe Intumwa zo hambere yawe, zigashaka guca imanza zisunze ingingo zishingiye ku bintazi n’ikinyoma, kandi zaramaze gutegekwa kubigarariza, shetani na yo igashaka kuzihubisha uguhuba kuri kure cane y’ukuri[17];