caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Nisaa, Verse 59

Medina · revelation order 92 · 4:59

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓا۟ أَطِيعُوا۟ ٱللَّهَ وَأَطِيعُوا۟ ٱلرَّسُولَ وَأُو۟لِى ٱلْأَمْرِ مِنكُمْ فَإِن تَنَٰزَعْتُمْ فِى شَىْءٍ فَرُدُّوهُ إِلَى ٱللَّهِ وَٱلرَّسُولِ إِن كُنتُمْ تُؤْمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلْيَوْمِ ٱلْـَٔاخِرِ ذَٰلِكَ خَيْرٌ وَأَحْسَنُ تَأْوِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah ntimukagabitanye, mwumvire n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu vyo ibashikirije, muheze mwumvire n’indongozi muri mwebwe mu bidaciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah. Nimwahazana ku ngingo y’ikintu ico ari co cose, muraca mugaruka ku ngingo iri mu Gitabu c’Imana Allah n’inyigisho z’intumwa nimwaba mwemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo, ni vyo vyiza cane kuri mwebwe ha guhazana, ni na yo ngingo ibereye ha kwisunga ivyiyumviro vyanyu mu gufata ingingo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70