caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Ar-Ra'd, Verse 33

Medina · revelation order 96 · 13:33

أَفَمَنْ هُوَ قَآئِمٌ عَلَىٰ كُلِّ نَفْسٍۭ بِمَا كَسَبَتْ وَجَعَلُوا۟ لِلَّهِ شُرَكَآءَ قُلْ سَمُّوهُمْ أَمْ تُنَبِّـُٔونَهُۥ بِمَا لَا يَعْلَمُ فِى ٱلْأَرْضِ أَم بِظَٰهِرٍ مِّنَ ٱلْقَوْلِ بَلْ زُيِّنَ لِلَّذِينَ كَفَرُوا۟ مَكْرُهُمْ وَصُدُّوا۟ عَنِ ٱلسَّبِيلِ وَمَن يُضْلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنْ هَادٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya, Uwuhagarikiye Akazigama ibikorwa vy’ikiremwa ico ari co cose, ni We Akwiye gusengwa, canke ibiremwa ata co vyishoboje, vyafashwe bikabangikanywa n’Imana Allah mu gusengwa! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda nyabuna, nimumbwire amazina n’amatazirano y’ivyo bigirwamana! Canke mushaka kubwira Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu bumana kw’isi, Itigeze Imenya! Canke mubita ababangikanye n’Imana Allah kw’izina gusa, kandi batigeze babaho koko!”. Ahubwo rero bararyoherejwe na shetani ikinyoma c’ibangikanyamana ryabo, iraheza ibabuza gukurikira inzira y’Imana Allah. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamureka agahuba inzira kubera ubutumva bwiwe, nta n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70