caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Hud, Verse 7

Mecca · revelation order 52 · 11:7

وَهُوَ ٱلَّذِى خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ فِى سِتَّةِ أَيَّامٍ وَكَانَ عَرْشُهُۥ عَلَى ٱلْمَآءِ لِيَبْلُوَكُمْ أَيُّكُمْ أَحْسَنُ عَمَلًا وَلَئِن قُلْتَ إِنَّكُم مَّبْعُوثُونَ مِنۢ بَعْدِ ٱلْمَوْتِ لَيَقُولَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓا۟ إِنْ هَٰذَآ إِلَّا سِحْرٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu. Imbere y’aho, Ubuhangamo bwayo bukaba bwari hejuru y’amazi. Ivyo rero, Imana Allah Yabigize kugira Ibagerageze, haheze hamenyekane uwukora ivyiza[3] ku bwayo kurusha abandi. Ntumwa y’Imana! Niwabwira abantu bawe warungitsweko uti: “Mu vy’ukuri, mwebwe muzozurwa musubizwe ubuzima inyuma yo gupfa”, ni ukuri abagarariji bazokwihutira guhakana bivuye inyuma, bavuge bati: “Iyi Qor’ani, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye!”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70