لَوْ نَشَآءُ جَعَلْنَٰهُ أُجَاجًا فَلَوْلَا تَشْكُرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Dushaka rero, Twari kuyagira amazi y’icunyunyu ku buryo mudashobora kuyakoresha mu kunywa no mu kuvomera ibiterwa vyanyu. Ubwo none, ntimwoshimira Imana Allah ku nema yo kuronswa amazi y’akanovera!