بَلْ مَتَّعْتُ هَٰٓؤُلَآءِ وَءَابَآءَهُمْ حَتَّىٰ جَآءَهُمُ ٱلْحَقُّ وَرَسُولٌ مُّبِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ahubwo rero ababangikanyamana hamwe na ba se babo, Nabahaye kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi, sinashoka Ndabahanira ubugarariji bwabo, gushika n’aho bashikiriwe na Qor’ani hamwe n’Intumwa ibatomorera ivyo bakeneye kumenya mw’idini.