مَّا جَعَلَ ٱللَّهُ لِرَجُلٍ مِّن قَلْبَيْنِ فِى جَوْفِهِۦ وَمَا جَعَلَ أَزْوَٰجَكُمُ ٱلَّٰٓـِٔى تُظَٰهِرُونَ مِنْهُنَّ أُمَّهَٰتِكُمْ وَمَا جَعَلَ أَدْعِيَآءَكُمْ أَبْنَآءَكُمْ ذَٰلِكُمْ قَوْلُكُم بِأَفْوَٰهِكُمْ وَٱللَّهُ يَقُولُ ٱلْحَقَّ وَهُوَ يَهْدِى ٱلسَّبِيلَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ntiyigeze Ishira mu gikiriza c’umugabo n’umwe imishaha ibiri, kandi ntiyigeze Igira n’abakenyezi banyu muziririza mu ndahiro[1], kuba ba nyoko basanzwe bazira kuri mwebwe kubabira, ntiyigeze Inagira abana mureze, kuba abana banyu bwite[2]. Iryo ziririzwa ry’abakenyezi n’iry’ukwiyomekera abana mureze, ni iryo mwishingira bivuye mu kanwa kanyu gusa, nta ngingo n’imwe y’Imana Allah rishingiyeko. Burya, Imana Allah Ivuga ukuri, Ikanarongora mu nzira igororotse.